Samuel Ntahiraja

Samuel Ntahiraja ๐๐‘๐Ž๐…๐„๐’๐’๐„๐”๐‘ ๐ƒ๐„ ๐…๐‘๐€๐๐‚๐€๐ˆ๐’ ๐€ ๐‹'๐„๐‚๐Ž๐…๐Ž ๐๐”๐’๐„๐‘๐”๐Š๐Ž

๐Ÿ“š INTAMBARA YA MBERE YA KONGO (1996โ€“1997): UKO YATANGUYE, UKO YAGENZE N'ICO YASIZE๐ŸŒ Intambara ya mbere ya Kongo, izwi ka...
12/08/2026

๐Ÿ“š INTAMBARA YA MBERE YA KONGO (1996โ€“1997): UKO YATANGUYE, UKO YAGENZE N'ICO YASIZE

๐ŸŒ Intambara ya mbere ya Kongo, izwi kandi nk'Intambara yo Kwibohora, yabaye hagati y'umwaka wa 1996 na 1997. Ni yo yahinduye amateka ya Zaรฏre, kuko yarangiye Perezida Mobutu Sese Seko akuwe ku butegetsi yari amaze imyaka irenga 30 ariho.

๐Ÿค Abarwanyi bo mu Alliance des Forces Dรฉmocratiques pour la Libรฉration du Zaรฏre (AFDL), bayobowe na Laurent-Dรฉsirรฉ Kabila, bafashijwe cane n'u Rwanda na Uganda, ni bo batsinze iyo ntambara. Inyuma y'intsinzi yabo, igihugu caciye gihindura izina, kiva kuri Zaรฏre kiba Rรฉpublique Dรฉmocratique du Congo (RDC).

๐Ÿ›๏ธ Mobutu yari yafashe ubutegetsi mu 1965, ashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe c'Intambara y'Ububanyi n'Amahanga (Cold War). Ariko mu myaka ya 1990, isi yatanguye guhinduka. Ibihugu vya Afrika vyatanguye gusaba demokarasi, maze ubutegetsi bwa Mobutu butangura gutakaza ababushigikiye.

โš–๏ธ N'aho yari yemeye ivugururwa rya politike mu 1991, benshi babona ko ritashizwe mu ngiro nk'uko ryari ryasezeranywe. Ivyo vyatumye abatavuga rumwe na Leta barushiriza kwiyongera.

โœŠ Muri abo barwanya Mobutu harimwo Laurent-Dรฉsirรฉ Kabila, yiyita uwukurikiye umurage wa Patrice Lumumba. Yashoboye kwegeranya imitwe itandukanye y'abarwanyi kugira bahangane n'ubutegetsi bwa Mobutu.

๐Ÿ‡ท๐Ÿ‡ผ Mu 1994, inyuma ya jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda, abantu bagera kuri miliyoni zibiri, ahanini Abahutu, bahungiye muri Zaรฏre bakambika hafi y'Urwanda. Muri bo harimwo n'abahoze ari abasirikare hamwe n'abarwanyi b'Interahamwe, bashaka gusubira gutera u Rwanda.

๐Ÿ”ฅ Ivyo vyatumye umutekano mu buseruko bwa Zaรฏre urushiriza kuzamba. Abanyamulenge na bo batanguye guhura n'ibitero n'iterabwoba, mu gihe u Rwanda rwavuga ko ayo makambi y'impunzi zahun z'Urwanda yari abangamiye umutekano warwo.

โš”๏ธ Mu kwezi kwa Gitugutu 1996, intambara yaratanguye ku mugaragaro. Hashinzwe , Laurent-Dรฉsirรฉ Kabila aba umuvugizi wayo. Mu misi mike gusa, abarwanyi bafashe Uvira na Bukavu, batanguza urugendo rurerure rugana i Kinshasa.

๐Ÿšถโ€โ™‚๏ธ Mobutu ntiyabonye hakirikare ko Kabila yari ikibazo gikomeye. Yari kandi arwaye kanseri ya prostate, ivyo bikaba vyatuma bimugora gukurikirana neza ibikorwa vya gisirikare. N'aho yagerageje gukoresha abasirikare b'abacangero n'abagaba b'inararibonye, AFDL yarabandanyije itsinda.

๐Ÿ›ฃ๏ธ Ubutegetsi bwa Mobutu bwari bumaze gucika intege. Amabarabara yari yaratitutse, indege zabuze igitoro, abasirikare benshi badahembwa, mu gihe AFDL yari ifise inguvu nshasha n'abarwanyi benshi bari bafise ishaka ryo guhindura igihugu.

๐Ÿ’Ž Mu 1997, AFDL yafashe Kisangani, Mbuji-Mayi na Lubumbashi, ibisagara vyari bifise ubutunzi bwinshi bw'amadiyama, umuringa n'ayandi mabuye y'agaciro. Ivyo vyatumye abarwanyi baronka uburyo bwo kubandanya urugamba.

๐ŸŒ Mu mpera z'intambara, Angola na yo yarungitse ingabo zayo gufasha . Mu nyuma y'urugamba rwa nyuma i Kenge, abarwanyi barash*tse i Kinshasa.

๐Ÿƒ Ku wa 17 Rusama 1997, AFDL yinjiye i Kinshasa ata rugamba rukomeye rubaye. Bukeye bwaho, Mobutu arahunga, hanyuma ku wa 20 Rusama 1997, Laurent-Dรฉsirรฉ Kabila afata ubutegetsi ku mugaragaro, ahindura izina ry'igihugu rica riba Rรฉpublique Dรฉmocratique du Congo.

๐Ÿ•Š๏ธ Ariko intambara ntiyasize amahoro gusa. Mu rugendo rwo gufata ubutegetsi, habaye ivyagirizo vy'ubwicanyi n'ihohoterwa ryakorewe impunzi z'Abahutu n'abandi basivile. Raporo zitandukanye z'Ishirahamwe Mpuzamakungu(ONU) hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu zarasavye ko ayo mabi akorerwa amatohoza yimbitse.

๐Ÿ“– N'aho Intambara ya Mbere ya Kongo yarangiye mu 1997, ntiyaciye izana amahoro arama. Kutumvikana hagati ya Laurent-Dรฉsirรฉ Kabila n'abahoze ari abafatanyabikorwa biwe cane cane igihugu c'Urwanda cari kiyobowe na ,kuko ubwicanyi bwose bwari bwakozwe muri RDC bwagirijwe Urwanda, hamwe n'ibibazo vy'umutekano mu buseruko bwa Kongo, vyaciye bituma mu 1998 haduka Intambara ya , yabaye imwe mu ntambara zikomeye kandi zahitanye abantu benshi kuruta izindi muri Afrika yo muri iki gihe.

๐Ÿ’ฌ Ni ibihe vyigwa dukwiye gukura muri aya mateka kugira amahoro, ubutungane n'ubwiyunge birangwe mu karere k'Ibiyaga Bigari? Dusangize iciyumviro cawe mu bitekerezo.

๐Ÿ‘‰Mwipfuza kumenya ido n'ido kuntambara ya mbere,ya kabiri,ya gatatu n'iya kane zabaye mugihugu kibanyi ca RDC,kurikira FM 96,6 MHz, Samedi 12h-16h avec Prof Samuel Ntahiraja ร  la prรฉsentation.

๐Ÿ‡จ๐Ÿ‡ฒ๐Ÿ’”   : Abakundana babiri bapfiriye mu cumba cabo๐Ÿ˜ข Inkuru ibabaje yamenyekanye ku wa 10 Myandagaro 2026 i Bonduma, mu gi...
12/08/2026

๐Ÿ‡จ๐Ÿ‡ฒ๐Ÿ’” : Abakundana babiri bapfiriye mu cumba cabo

๐Ÿ˜ข Inkuru ibabaje yamenyekanye ku wa 10 Myandagaro 2026 i Bonduma, mu gisagara ca Buea mu ntara yโ€™ubumanuko bushir'uburengero bwa . Umugabo nโ€™umugore babana batowe bapfuye mu cumba cabo mu buryo bubabaje cane.

๐Ÿ”ฅ Nk'uko amakuru ya mbere abivuga, abo bompi bari bakoresheje amakara kugira bashushe icumba cabo kubera hari imbeho. Inyuma yโ€™igihe gito, babasanze batakiri bazima.

๐Ÿšจ Naho amatohoza akibandanya, amakuru ya mbere yerekana ko bashobora kuba bishwe nโ€™ubumara bwa gazi ya (CO) iva mu kwaka kwโ€™amakara mu cumba kitagira uburyo buhagije bwo guhanahana umwuka.

โš ๏ธ Iyo gazi ya monoxyde de carbone ni mbi cane kuko nta bara ifise kandi nta mpumuro ifise. Umuntu arashobora kuyihumeka atabizi. Iyo ateramiye mu cumba gifunze canke kidafise umwuka uhagije, ishobora gutera kubabara umutwe, kuzungurirwa, isesemi, guta ubwenge, mbere no gutuma umuntu apfa.

๐Ÿ  Abahinga mu vyโ€™amagara yโ€™abantu bahora bagabisha ko gukoresha amakara canke imbabura mu nzu yugaye ari akaga gakomeye. Ni vyiza kwama haba uburyo bwo guhanahana umwuka canke gukoresha uburyo bwo gushusha budatanga iyo gazi yica.

๐Ÿ™ Mu gihe hagitegerejwe ivyova mu matohoza yโ€™abajejwe umutekano, iyi nkuru ibaye ukwibutsa gukomeye ko twese dukwiye kwitwararika uburyo dukoresha amakara canke ibindi bitanga umwotsi mu mazu.

Turifatanije nโ€™imiryango yabuze ababo muri aka kaga. Imana ibahe kuruhukira mu mahoro.

๐Ÿ“ข Mufashe gusangiza abandi ubu butumwa kugira burinde ubuzima bwโ€™abatari bake. Kwitwararika no gukingira biruta kwicuza.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
Source :

 : Hari amahirwe mashasha y'akazi mu Burundi โ€“ Amashure y'Abavukanyi Bene-Paulo na FENACOBU bariko bararondera abakozi๐Ÿ“ข ...
12/08/2026

: Hari amahirwe mashasha y'akazi mu Burundi โ€“ Amashure y'Abavukanyi Bene-Paulo na FENACOBU bariko bararondera abakozi

๐Ÿ“ข Mu gihe urwaruka rw'Abarundi rwinshi ruriko rurondera akazi, hagiye ahabona amatangazo abiri ahamagarira abantu bujuje ibisabwa gusaba akazi. Aya matangazo ava ku Muryango w'Abavukanyi Bene-Paulo, uriko urarondera abarimu bazokwigisha mu mashure yawo, hamwe na , iriko irarondera abakozi bazokora mu nzego zitandukanye z'ama COOPEC.

๐Ÿซ Ku ruhande rw'Abavukanyi Bene-Paulo, hariko hararonderwa abarimu bazokwigisha mu ร‰cole Saint Paul de Bujumbura no muri ร‰cole Saint Barnabรฉ de Gitega. Iryo tangazo rigenewe abafise impamyabumenyi za kaminuza mu vyigwa vy'ubutunzi (ร‰conomie), Ubusitanteri (Comptabilitรฉ, Contrรดle et Audit), Pรฉdagogie Appliquรฉe mu gifaransa hamwe n'abize Ubumenyi bwa Mathรฉmatiques na Physique.

๐Ÿ‘จโ€๐Ÿซ Uretse impamyabumenyi, abakandida basabwa kuba baramaze igihe bigisha cane cane mu mashure ya Fondamental n'aya Post-Fondamental. Basabwa kandi kuba bafise inyifato nziza, ubushobozi bwo gukorana neza n'abandi hamwe no kuba biteguriye gutangura akazi ubwo nyene igihe umwaka w'ishure wa 2026โ€“2027 uzoba utanguye.

๐Ÿ“„ Dosiye isabwa irimwo urwandiko rwandikishijwe iminwe rusaba akazi kandi rwerekejwe ku Mukuru Mukuru w'Abavukanyi Bene-Paulo, kopi y'impamyabumenyi yemejwe, CV ivuguruye kandi yashizweko umukono, icemezo c'aho umuntu yigeze gukora, kopi y'ikarata karangamuntu hamwe n'idosiye (farde ร  suspendre).

๐Ÿ“… Nk'uko iryo tangazo ribivuga, amadosiye yakirwa kuva ku wa 10 gushika ku wa 15 Myandagaro 2026, kandi azoshikirizwa ku buyobozi bw'ishure rya Saint Paul i Bujumbura canke Saint Barnabรฉ i Gitega hagati y'isaha zibiri zo mu gitondo (8h00) n'isaha indwi zo ku murango (13h00). Hazohamagarwa gusa abazoba batsinze intambwe ya mbere yo gutoranywa.

๐Ÿฆ Ku rundi ruhande, na yo yatangaje ko iriko irarondera abakozi bazokora mu bisata bitandukanye. Amadosiye ashobora gushikirizwa ku cicaro gikuru ca FENACOBU i Gitega canke ku ma COOPEC yo mu ntara za Bujumbura, Gitega, Ngozi, Muyinga, Ruyigi na Makamba.

๐ŸŽ“ FENACOBU yemera abakandida bafise impamyabumenyi za Kaminuza canke iz'amashure yisumbuye, bivanye n'ico umuntu yize. Mu vyigwa vyemewe harimwo ร‰conomie, Gestion, Administration, Comptabilitรฉ, Banque et Assurance, Marketing, Communication, Finance, Audit, Droit, Agronomie, Mรฉdecine vรฉtรฉrinaire, Informatique n'ibindi.

โœ… Abasaba akazi muri FENACOBU basabwa kuba ari Abarundi, batarenza imyaka 40 y'amavuko (kiretse abakora imbere muri FENACOBU), kuba bazi gukoresha mudasobwa cane cane Word na Excel, kutigeze birukanwa kubera amakosa akomeye mu kazi, kuvuga no kwandika igifaransa neza no kuba biteguriye gutangura akazi ubwo nyene. Uruhusha rwo gutwara imodoka rwo mu rwego A ruzofatwa nk'inyongera ku myanya imwe imwe.

๐Ÿ—‚๏ธ Dosiye isabwa irimwo urwandiko rusaba akazi, kopi y'impamyabumenyi yemejwe, CV ivuguruye, kopi y'ikarata karangamuntu canke attestation d'identitรฉ, kopi y'uruhusha rwo gutwara imodoka mugihe ruhari hamwe n'izindi nyandiko zose zoshobora gufasha mu gutoranya abakandida.

๐Ÿ“† FENACOBU yamenyesheje ko umunsi wa nyuma wo gutanga amadosiye ari ku wa 21 Myandagaro 2026 isaha 11 z'umuhingamo (17h00). Abazoba batowe ku rutonde rwambere bazomenyekana ku wa 26 Myandagaro 2026, hanyuma ikibazo c'inyandiko gikorwe ku wa 28 Myandagaro 2026 ku cicaro ca FENACOBU i Gitega. Abazotoranywa bazosabwa kandi gutanga urupapuro rwemeza ko ata caha bigeze bacirirwa.

๐Ÿ’ผ Aya matangazo yerekana ko hari amahirwe y'akazi k'urwaruka n'abamaze guheza amashure. Abafise ibisabwa bose barahimirizwa gutegura amadosiye yabo neza, bakayatanga mu kiringo catanzwe kugira ngo ntibacikwe n'ayo mahirwe.

๐ŸŒŸ Akazi gasaba ugutegura neza, ukwizigirwa n'ukwihangana. Ku bazoba bujuje ibisabwa, aya mahirwe yoshobora kuba intambwe ikomeye mu kwubaka kazoza kabo no guteza imbere igihugu biciye mu burezi no mu rwego rw'ibigo vy'ubutunzi.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja

๐Ÿ‡จ๐Ÿ‡ฉ๐Ÿช–  : Igisirikare cafashe ingingo inyuma y'uko abagore b'abasirikare batari bake batwaye inda bari mu makambi y'igisiri...
07/08/2026

๐Ÿ‡จ๐Ÿ‡ฉ๐Ÿช– : Igisirikare cafashe ingingo inyuma y'uko abagore b'abasirikare batari bake batwaye inda bari mu makambi y'igisirikare

๐Ÿ“Mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC), hariko havugwa inkuru y'uko abagore b'abasirikare bashika ku cumi (10) batwaye inda mu gihe bari bashinzwe akazi mu makambi y'igisirikare (casernes).

โš–๏ธ Inyuma y'ivyo bibaye, ubuyobozi bukuru bw'Ingabo za Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (FARDC) bwatangaje ko hagiye gufatwa ingingo zikomeye kugira hubahirizwe amategeko n'amabwirizwa agenga ubuzima n'inyifato y'abasirikare bari ku kazi.

๐Ÿช– Ubuyobozi bw'igisirikare bwamenyesheje ko iyo ngingo igamije gukomeza indero mu gisirikare no gutuma abasirikare bashobora kurangura neza amabanga yo gucungera umutekano, cane cane muri iki gihe igihugu kigifise ibibazo vy'umutekano mu turere dutandukanye.

โ„น๏ธ Ariko rero, FARDC ntiramenyesha mu buryo buramvuye uburyo izo nda zatewe canke ivyatumye ivyo bibaho. Nta makuru kandi yatanze ku bijanye n'aboba barabigizemwo uruhara canke ibihano bishobora gufatwa.

๐Ÿ›ก๏ธ Abategetsi b'igisirikare bavuga ko kubungabunga indero, ukwubahiriza amategeko n'ukuguma abasirikare biteguye kurangura amabanga yabo ari vyo bihambaye kugira ingabo zishobore gukora neza ibikorwa vyazo.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
๐Ÿ“ฐ Isoko ry'iyi nkuru: .

๐ŸŸฅ   (Sรฉnรฉgal) : Umugore yishe uruyoya rwiwe yavyaranye n'umupfumu, sentare iramuhanaโš–๏ธ Mu gisagara ca   muri Sรฉnรฉgal hab...
07/08/2026

๐ŸŸฅ (Sรฉnรฉgal) : Umugore yishe uruyoya rwiwe yavyaranye n'umupfumu, sentare iramuhana

โš–๏ธ Mu gisagara ca muri Sรฉnรฉgal habaye urubanza rwakoze benshi ku mutima. Umukobwa w'imyaka 24, yari aherutse kwubaka urugo, yaciriwe urubanza inyuma yo kwemera ko yishe uruyoya rwiwe rukivuka. Uruyoya rwari rwabonywe inyuma y'imibonano mpuzabitsina yari yagiranye n'umusaza w'umupfumu w'imyaka 76, amubwira ko ari uburyo bwo gukuraho umuvumo wamubuza kuronka umugabo.

๐Ÿฅ Ku wa 23 Rusama 2024, uwo mugore yagiye ku bitaro vya Ndamatou i Touba ari kumwe n'umugabo wiwe kubera ingorane z'ugusohora neza ivyari bisigaye mu nda inyuma yo kwibaruka. Yari afise uruyoya rw'umuhungu rwari rwamaze gupfa. Abaganga babonye ibimenyetso vyerekana ko urwo rupfu rutari rusanzwe maze baca bamenyesha igipolisi.

๐Ÿ‘ฎ Mu matohoza, umugabo wiwe yavuze ko yabanje kwizera ko uwo mwana ari uwiwe. Yamenye gusa ko umugore wiwe yibungenze inyuma y'ukwezi kumwe bubatse. Ku musi vyabaye, umugore yahamagaye umugabo wiwe amubwira ko yavyaye kandi amusaba kutihutira gutaha. Umugabo agarutse avuye ku kazi, yasanze uruyoya rwapfuye rubitswe mu gikoresho co mu nzu.

๐Ÿ—ฃ๏ธ Mu kwiregura imbere y'abatohoza, uwo mugore yemeye ko ari we yishe uruyoya. Yasiguye ko yari azi neza ko uwo mwana atari uw'umugabo wiwe, aca afata ingingo yo kumwica akoresheje amaboko kugira ngo ntahumeke. Yongeyeko ko ibikomere vyari ku mutwe bishobora kuba vyatewe n'uko uruyoya rwaguye hasi igihe yarwibaruka ahagaze.

๐Ÿ”Ž Mu kubazwa uwamuteye inda, yavuze ko ari umupfumu w'imyaka 76. Mu ntango yavuze ko yamufashe ku nguvu, ariko mu nyuma yemera ko yari yemeye iyo mibonano mpuzabitsina.

๐Ÿง™ Uwo mupfumu na we yabanje guhakana, ariko mu nyuma yemera ko bagiranye imibonano rimwe gusa. Yavuze ko yari yabonye ko uwo mukobwa yari afise umuvumo umubuza kuronka umugabo. Ngo yamuhaye umuti udasanzwe: ifu yo gusiga ku bihimba vy'irondoka vyabo bompi imbere y'imibonano mpuzabitsina. Yavuze kandi ko yakoresheje igikere capfuye, impuzu yo mu mva hamwe n'amasengesho n'imirongo yo muri Korowani muri uwo muhango. Yemeza ko uwo muti wakoze kuko uwo mukobwa yahavuye aronka umugabo.

โš–๏ธ Mu rubanza, ubushikirizamanza bwasavye ko uwo mugore ahanishwa igifungo c'ubuzima bwose kubera ubwicanyi bwakorewe uwo mwana, mu gihe umupfumu yasabiwe imyaka itanu y'ibohero kubera ubupfumu n'ubuhendanyi.

๐Ÿ“œ Inyuma yo kwiherera, Sentare y'ivyaha ya Diourbel yafashe ingingo yo guhana uwo mugore imyaka itandatu y'igifungo kubera kwica uruhinja rwiwe. Umupfumu na we yakatiwe imyaka ibiri y'ibohero, hamwe n'ihadabu ry'100.000 FCFA kubera ibikorwa vya charlatanisme.

๐Ÿ™ Iyi nkuru iributsa akamaro ko kurondera impanuro n'ubufasha ku nzego zemewe n'amategeko no kwirinda ibikorwa vy'ubupfumu canke ubuhendanyi bishobora gukwegera ingaruka zikomeye ku buzima no ku muryango.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
Inkomoko: Pulse

๐Ÿ—ผ  : INKURU IBABAZA YA FRANZ REICHELT: UMUNTU YAGERAGEJE KUGURUKA AVUYE KU MUNARA WA EIFFEL, ARIKO BIRANGIRA AHASIZE UBU...
03/08/2026

๐Ÿ—ผ : INKURU IBABAZA YA FRANZ REICHELT: UMUNTU YAGERAGEJE KUGURUKA AVUYE KU MUNARA WA EIFFEL, ARIKO BIRANGIRA AHASIZE UBUZIMA

๐Ÿ˜ฎ Mu mateka y'itanguriro ry'indege, hari inkuru imwe idasanzwe kandi ibabaje cane y'umuntu yizera adakekeranya ko ivyo yaremye vyoshobora gukiza ubuzima bw'abatwara indege. Uwo muntu yitwa ,umutayeri(uwushona) yavukiye muri Autriche ariko yakorera ibikorwa vyiwe i Paris mu Bufaransa. Ico yipfuza cari uguhingura impuzu ishobora kwifungura nk'umwumvuri/umutaka (parachute) maze igakingira umuntu iyo aguye ari mu kirere.

โ„๏ธ Hari ku wa 4 Ruhuhuma 1912, mu gitondo gikanye cane aho ubushuhe bwari hafi ya dogere 0ยฐC. Ku kirenge c'umunara wa , abantu benshi, abanditsi b'inkuru n'abafata amasanamu bari bakoraniye aho kugira babone igeragezwa ryari ritegerejwe. yari yambaye iyo mpuzu yishoneye, yaciye aduga ku ruhande rwa mbere rw'umunara, ahareha n'uburebure bwa metero 57.

๐Ÿ“œ Mu vy'ukuri, uruhusha yari yahawe n'abajejwe umutekano rwavugako yokoresha igipupe (mannequin) mu kugerageza ico gihimba. Ariko ageze hejuru, yarahinduye ingingo, atangaza ko agira asimbuke ubwiwe kugira yerekane ko yizeye neza ico yakoze.

๐Ÿ˜ฐ Abari aho baratangaye. Hari abamwinginze ngo areke. Hari n'abamubwiye ko ari ukwishira mu kaga. Kuko mu mageragezwa yari aherutse gukora, ibipupe vyose yaterera hasi vyari vyaguye bigaca bimeneka, bivuze ko iyo mpuzu itari ikora nk'uko yabishaka.

๐Ÿค” yamaze nk'amasegonda 40 ahagaze ku ruhande rw'umunara. Yasa n'uwuri kwiyumvira, asa n'uwuriko ararwana n'ubwoba n'icizere. Hanyuma afata ingingo ya nyuma... arisuka mu kirere.

๐Ÿ’ฅ Mu masegonda makeyi gusa, ibintu vyaciye bihinduka ingorane. Iyo mpuzu ntiyigeze yifungura ngo ibe umutaka. Ahubwo yagumye yiziritse ku mubiri wiwe. yaguye nk'uwurekuwe ata kintu na kimwe kimufashe, aca yikubita hasi n'inguvu nyinshi, ahasiga ubuzima ubwo nyene.

๐ŸŽฅ Ikibabaje kurushiriza ni uko ico gikorwa cose cafashwe n'amareresi. Kamera zafashe buri kanya kuva agihagaze hejuru gushika yikubise hasi. Ayo masanamu aracaboneka n'ubu kandi ni imwe mu nyandiko z'amateka zerekana neza ingene umuntu yapfuye ariko aragerageza kwemeza ko iciyumviro ciwe gifise akamaro.

๐Ÿงต yari afise imyaka 33 gusa. Ntivyari vyitezwe ko umudozi/uwushona yoshobora kuba umwe mu bantu ba mbere biyumviriye uburyo bwo gukingira abatwara indege. Muri ico gihe, indege zari zikiri nshasha cane kandi impanuka zazo zari nyinshi. Benshi bapfa ata buryo bwo kwikiza.

โœˆ๏ธ Ni co catumye afata ingingo yo guhingura impuzu yihindura umutaka iyo umuntu aguye. Mu ntango, igerageza zimwe zakorewe ku gipupe zari zamuhaye icizere, bituma yemera ko amaze gutora umuti woshobora gukiza ubuzima bw'abatwara indege.

โš ๏ธ Ariko uko yaguma ahindura ico gihimba ciwe, ni ko ibisubizo vyarushiriza kuba bibi. Abandi barabibonye, baramuburira, ariko we ntiyigeze ahindura ingingo. Yari yizeye cane ko ico yaremye kizokora, mbere yemera no kugishira ku mubiri wiwe kugira avyerekane.

๐Ÿช‚ Naho igeragezwa ryiwe ryanse, iciyumviro ciwe nticari kibi. Mu vy'ukuri, kwiyumvira ko abatwara indege bokwambara igikoresho cobakingira iyo baguye cari iciyumviro c'imbere y'igihe. Ikibazo cari uko impuzu yiwe itari ifise ubwaguke n'uburyo bwo kwifungura bukenewe kugira ishobore kugabanya umuvuduko wo kugwa.

๐Ÿ”ฌ Mu myaka yakurikiye, abahinga barahinguye parachute zigezweho zikora neza kandi zifunguka mu buryo bwizewe. Ivyo vyarakijije ubuzima bw'abantu ibihumbi n'ibihumbi. Ariko izina rya ryagumye mu mateka nk'umuntu yatanze ubuzima kubera ukwizera iciyumviro ciwe.

๐Ÿ’ญ Inkuru yiwe iratwibutsa ko iterambere ry'ubumenyi ridashika ata bantu bafise umutima wo kugerageza ibishasha. Ariko kandi iratwigisha ko ukwizera igikorwa cacu bidakwiye gusumba ivyemezo vya siyansi n'ukugerageza bihagije. Akanyamuneza ko kuvumbura ikintu gishasha gakwiye kwamana n'ukwitonda.

๐Ÿ“š N'ubu, imyaka irenga ijana iraheze, inkuru ya iracariko irigwa kandi ikaganirwako nk'akarorero kerekana ko hagati y'ubuhinga, ukwemera, ubutwari n'ukutitwararika ingaruka, hari umurongo mutoyi cane. Ni inkuru itwigisha kwicisha bugufi imbere y'amategeko ya siyansi no kudafata minenerwe ingaruka z'igeragezwa iryo ari ryo ryose.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
๐‘บ๐’๐’–๐’“๐’„๐’†: ๐Ÿ†‚๐Ÿ…ฒ๐Ÿ…ธ๐Ÿ…ด๐Ÿ…ฝ๐Ÿ…ฒ๐Ÿ…ด๐Ÿ…ฟ๐Ÿ…พ๐Ÿ†‚๐Ÿ†ƒ

๐Ÿ˜ข  : UMWANA W'AMEZI ANE YAPFUYE ARI WENYENE MU NZU NYINA AFUNZWE๐Ÿ•ฏ๏ธ Hari inkuru imaze gukwiragira ku mbuga ngurukanabumen...
31/07/2026

๐Ÿ˜ข : UMWANA W'AMEZI ANE YAPFUYE ARI WENYENE MU NZU NYINA AFUNZWE

๐Ÿ•ฏ๏ธ Hari inkuru imaze gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi, cane cane biciye ku rubuga rwa YouTube rwa . Iyo nkuru ivuga ivyabaye ku mwana w'amezi ane yapfuye ari wenyene mu nzu, inyuma y'aho nyina yari yafashwe n'abajejwe umutekano mu gikorwa co gufata abadandaza bo mw'ibarabara i mu gisagara ca .

๐Ÿ‘ฉโ€๐Ÿผ Nk'uko bivugwa, uwo mupfasoni yari umudandaza w'ibinyobwa. Igihe yafatwa n'abapolisi, yarabinginze ababwira ati: "Ndasavye munyemerere nje muhira. Nasize uruyoya rw'amezi ane rwonyene mu nzu. Nta wundi muntu ahari yoshobora kurwitaho."

๐Ÿ™ Yaranavuze ko yemera gusiga ibidandazwa vyiwe, asaba gusa ko bamureka akagenda kuraba umwana wiwe. Ariko bivugwa ko ico gisabo kitakiriwe, aca ajanwa gufungirwa ku kigo co gupfungirwamwo i , ibidandazwa vyiwe na vyo birafatirwa.

๐Ÿ‘ฎ Muri ico gikorwa, bivugwa ko hari umupolisi akiri muto yitwa yagerageje gusaba abakuru biwe ko uwo mupfasoni yorekurwa akabanza kuja kuraba umwana wiwe. Yibaza ati: "None ko hari uruyoya rwasigaye rwonyene, ntibikenewe ko tubanza kururaba?" Ariko ngo umukuru w'igikorwa ntiyavyemeye.

๐Ÿš๏ธ Haheze imisi ine. Ababanyi batanguye kumva umunuko udasanzwe uva muri iyo nzu. Bahamagaye abarongozi b'aho hantu, barafungura, basanga uruyoya rwapfuye kandi rwamaze gutangura kubora.

๐Ÿ’” Iyo nkuru irababaza cane kuko uwo mwana nta caha yari yakoze. Ntiyari azi igituma nyina atagaruka. Ntiyari ashobora gutabaza. Yari ategereje gusa ko nyina agaruka nk'uko yahora.

๐Ÿคฑ Igihe umuntu afashwe, canecane umuvyeyi avuga ko yasize uruyoya rwonyene, ikibazo gikwiye kwibazwa ni iki: Ni nde aca aja kuraba uwo mwana? Ni nde amenyesha incuti canke abo mu muryango? Ni nde yemeza ko uwo mwana afise uwumwitaho?

โ“ Ivyo bibazo ni vyo bituma abantu benshi bavuga ko iyo nkuru idakwiye gufatwa nk'inkuru isanzwe. Nimba vyari bishoboka gukingira ubuzima bw'uwo mwana, vyoba bisaba ko ababifisemwo uruhara bose babazwa.

๐Ÿ“ฑ Bivugwa kandi ko amaze kumenya ko uwo mwana yapfuye, yanditse ubutumwa mu mugwi wa WhatsApp ugizwe n'abapolisi, agaragaza akababaro kiwe.

๐Ÿ“ Mu butumwa bwiwe yavuze ko yababajwe cane no kubona uwo mupfasoni yari yabwiye abapolisi ko yasize uruyoya rwonyene, hanyuma bakaza kumenya ko rwapfuye mu nzu.

๐Ÿ˜” Ngo yongeye kwibutsa ko yari yasavye umukuru w'igikorwa kurekura uwo mupfasoni kugira asubire kuraba umwana wiwe, mbere akibaza ati: "Uwafashe ico cemezo azobona gute imbabazi z'Imana?"

๐Ÿšจ Bivugwa kandi ko ubwo butumwa bwaciye bukurwaho burahanagurwa muri uwo mugwi wa WhatsApp, hanyuma na we aca ajanwa ahantu hatazwi. Nk'uko bivugwa, umuryango wiwe nturamenya aho ari.

๐Ÿค” Ivyo bituma havuka ikindi kibazo gikomeye: Mbega kwerekana impuhwe no kwibaza ku buzima bw'umwana bitangura ryari gufatwa nk'ikosa? Mbega gukurikiza amategeko bisigura ko umuntu atakigira umutima w'ikibabarwe?

โš–๏ธ Abapolisi barafise amategeko abagenga kandi bakwiye kuyubahiriza. Ariko kandi ni abantu bafise umutimanama. Mu bihe bimwe na bimwe, kubaza ikibazo gishobora gukingira ubuzima bw'umwana si ukurwanya amategeko, ahubwo ni ukwerekana ubumuntu.

๐Ÿ’ฐ Abadandaza bo mw'ibarabara akenshi bakurikiranwa kubera kutubahiriza amategeko. Ariko inyuma y'umudandaza wese hari inkuru y'ubuzima. Hari abavyeyi barondera ico bagaburira abana babo, hari ababuze akazi, hari abadafise ubundi buryo bwo kubaho.

๐ŸŒ Uburongozi bwiza ntibupimirwa gusa ku nyubakwa zigezweho, isuku canke iterambere ry'ibikorwa rusangi. Bupimirwa kandi ku kuntu igihugu gikingira abatishoboye kurusha abandi: abana, abavyeyi bibana bonyene, abakene n'abatagira ijwi.

๐Ÿ‘ถ Uwo mwana w'amezi ane ntiyashoboye kuvuga ico yaciyemwo. Ntiyashoboye gutabaza. Ntiyashoboye kubaza igituma nyina atagarutse. Ariko urupfu rwiwe rutera abantu kwibaza ibibazo bikomeye ku nshingano z'inzego zitandukanye mu gukingira ubuzima bw'abatagira kivugira.

๐Ÿ”Ž Ni co gituma hakenewe itohoza ryigenga, ritagira aho rihengamiye, kugira hamenyekane ukuri kw'ivyabaye n'ababifisemwo uruhara, nimba vyemejwe ko vyabaye.

โค๏ธ Uburenganzira bw'umwana bwo kubaho, ububabare bw'umuvyeyi n'ijwi ry'uwerekanye impuhwe ntibikwiye kwibagirwa.

๐Ÿ™ Nimba koko ivyavuzwe vyarabaye, icoba ciza kuruta ibindi ni uko ukuri kumenyekana, ubutungane bugakora akazi kabwo, kandi amasomo akavomwamwo kugira ntihagire uwundi mwana azosubira guhitanwa n'ibintu vyari gushobora kwirindwa.

Hari ibihe amategeko aba akenewe. Ariko hari n'ibihe ubumuntu bukwiye kuja imbere kugira bukingire ubuzima bw'abatagira kivugira.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
๐’๐จ๐ฎ๐ซ๐œ๐ž: ๐’๐’†๐’”-๐’Ž๐’–๐’•๐’Š๐’Œ๐’†๐’š๐’”

๐Ÿ‡ฌ๐Ÿ‡ญ   : Yaraye yemeye kuja mw'ibohero mu kibanza c'umukunzi wiwe, ariko amaze gufungwa aca aramuheba๐Ÿ’” Inkuru ibabaje cane...
31/07/2026

๐Ÿ‡ฌ๐Ÿ‡ญ : Yaraye yemeye kuja mw'ibohero mu kibanza c'umukunzi wiwe, ariko amaze gufungwa aca aramuheba

๐Ÿ’” Inkuru ibabaje cane iriko iravugisha abantu benshi muri Ghana. Umusore w'imyaka 28 yitwa ari mu maboko yinyamir'amabi aho ariko ararangiza igihano c'amezi atanu, inyuma yo gufata ingingo yo kwitangira umukobwa yakunda cane. Mu gushaka kumukingira, yemeye gufungwa kugira ngo we agume ari hanze. Ariko ico atari yiteze ni uko uwo yakunze yomuheba burundu.

โค๏ธ yakora ubucukuzi bw'inzahabu mu buryo bwa Kirundi (galamsey). Yari afitaniye urukundo n'umukobwa yitwa . Naho se w'uwo mukobwa yashigikira urwo rukundo, nyina we ntiyarushigikira na gato kandi yahora arurwanya.

๐Ÿ  Umusi umwe, yasavye umukunzi wiwe kumufasha kugarura ibikoresho vyo mu gikoni yari yaramuguriye, ariko bikaba vyari bisigaye mu nzu ya nyina. , mukugamburuka kubera urukundo, yinjiye muri iyo nzu kugira ngo afate ivyo bikoresho.

๐Ÿš” Nyina w'uwo mukobwa amaze kubibona, yaciye atanga ikirego ku gipolisi, yagiriza abo bompi kwinjira mu nzu ata burenganzira babifitiye. Ivyo vyatumye na bashikirizwa ubutungane.

โš–๏ธ Sentare yabahamije icaha co kwinjira mu nzu mu buryo butemewe n'amategeko. Bose baciriwe ihadabu ringana na 1.560 GHยข umwe wese. Uwutarikuriha iryo hadabu yari ategerezwa gufungwa amezi atanu.

๐Ÿ’ธ Kubera ubukene, ntibashoboye kuronka amafaranga yo kuriha ihadabu ryabo bompi. yaciye afata ingingo ikomeye cane: yinginze bashikiwe gukoresha amafaranga bari bafise make bakariha ihadabu ry'umukunzi wiwe gusa, kugira ngo abe ari we asohoka.

๐Ÿคฒ We ubwiwe ntiyashoboye kuronka ayo kuriha ihadabu ryiwe, aca yemera kwinjira mw'ibohero. Yavuze ko yabikoze kubera yakunda kandi akabona yari umuntu yitwararika neza nyina.

๐Ÿ˜ข Ariko ibintu ntivyagenze nk'uko yari avyiteze. Haheze amezi abiri ari mw'ibohero, yavuze ko uwo yakunze atigeze aza kumuraba n'umunsi n'umwe. Nta butumwa, nta gusura, nta n'ikimenyetso c'uko akimwibuka.

๐Ÿ—ฃ๏ธ Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Crime Check TV, yavuze ati:

> "Bashiki banje barishe ihadabu ryiwe. Ntibashaka ko asigara mw'ibohero. Ariko kuva nasigara mfunzwe, nta n'umunsi n'umwe yigeze aza kundaba."

๐Ÿ’ญ N'ubwo ivyo vyose vyabaye, aracarondera impamvu yobimusigurira. Avuga ko kumbure uwo mukobwa adafise amafaranga yo kwishura urugendo rwo kuza kumuraba, kuko ari we yahora amufasha muri vyose.

โณ Ubu hasigaye amezi atatu gusa kugira ngo asohoke mw'ibohero. Ariko ayo mezi asigaye azomubera umwanya wo kwiyumvira cane ku ngingo yafashe n'ivyash*tse mu rukundo rwiwe.

๐Ÿ“Œ Iyi nkuru irigisha ko urukundo rukwiye kwubakwa ku kwizigirana, ku bwitange bw'impande zompi no ku gukundana mu bikorwa, atari mu majambo gusa. Kwitanga ku muntu ni vyiza, ariko ni ngombwa kandi kumenya ko uwo witangiye na we aguha agaciro nk'uko umuha akawe.

๐Ÿค” Wewe ubibona gute? yakoze ikintu c'ubutwari n'urukundo nyakuri, canke yakoze ikosa ryo kwitanga birenze urugero? Shira iciyumviro cawe mu gice c'ivyiyumviro.

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja
๐˜šเซฆีแ’๐Šข๐ž”: แด€า“ส€ษชแด‹แดแด€ษข.แด„แดแด

๐Ÿ“– AMATEGEKO 48 Y'UBUBASHA | ITEGEKO RYA 2: NTIWIZERE INCUTI CANE, MENYA UKO WOKWIFASHISHA ABANSI๐Ÿค Mu buzima bwa misi yos...
31/07/2026

๐Ÿ“– AMATEGEKO 48 Y'UBUBASHA | ITEGEKO RYA 2: NTIWIZERE INCUTI CANE, MENYA UKO WOKWIFASHISHA ABANSI

๐Ÿค Mu buzima bwa misi yose, abantu benshi bemera ko incuti ari zo zonyene zikwiye kwizigirwa, mu gihe abansi bo bafatwa nk'abantu bokwirindwa. Ariko , umwanditsi w'igitabu , aratanga iciyumviro gitangaje: rimwe na rimwe, incuti ni zo zishobora kugutera ingorane zikomeye kurusha abansi, mu gihe umwansi ashobora kukubera umwizigirwa kurusha incuti.

๐Ÿ‘ฅ Incuti ziratumenyera. Z**i ubuzima bwacu, intege nke zacu, imigambi yacu n'amabanga yacu. Ariko uko ugenda uratera imbere, ugashikirwa n'intsinzi canke ukaronka ububasha, bamwe muri zo bashobora gutangura kukugirira ishari. Ishari ni ikintu cica ubucuti buhoro buhoro, maze uwahora akwita umugenzi agatangura kukwifuriza kugwa.

โš ๏ธ Hari abantu bafashijwe gushika ku rwego rwo hejuru n'incuti zabo. Ariko bamaze kuhagera, baca bibagira aho bavuye. Batangura kwiyumvira ko ivyo bagezeko babikesha ubwenge bwabo gusa. Aho ni ho havuka ugushaka gusumba uwabafashije, mbere rimwe na rimwe bakamuhinduka.

๐Ÿฐ atanga akarorero k'Umwami III wo mu Bwami bwa . Uwo mwami yarizigiye cane incuti yiwe . Yarayidugije, ayiha ubutunzi, icubahiro n'ubutegetsi. Ariko aho amaze kugira inkomezi, ni we yahavuye ategura umugambi wo kwica uwo mwami maze afata ingoma. Ivyo vyerekana ko rimwe na rimwe umuntu wegereye cane ashobora kukubera akaga kurusha uwo mutavuga rumwe.

๐Ÿ’ญ Hari imvugo ivuga iti: "Hitamwo incuti nk'umwansi wawe, kuko ni yo izi aho yogukomeretsa." Iyo ubucuti buhindutse urwanko, uwahora ari incuti aba azi neza amabanga yawe yose. Ni co gituma kugirirwa nabi n'incuti bibabaza kurusha kugirirwa nabi n'umuntu mutari muzinanye.

๐Ÿคฒ Ku rundi ruhande, umuntu yahoze ari umwansi iyo umuhaye amahirwe canke ukamubabarira, akenshi arakora uko ashoboye kugira yerekane ko akwiriye kwizigirwa. Aba afise ico yipfuza kwerekana, kandi ntaba ashaka gutakaza amahirwe aronse. Ni co gituma bamwe mu bahoze ari abansi bashobora kukubera abafasha b'intahemuka.

๐Ÿ‘‘ Umwami wo mu Bushinwa ni akarorero keza. Aho kwica abo yatinya ko bomuhirika, yarabahaye amatongo, ubutunzi n'icubahiro. Yarababariye mbere bamwe mu bahoze bamutegurira imigambi mibi. Ivyo vyatumye bahinduka abamushigikiye b'intahemuka, kandi ubwami bwiwe buca bumara imyaka irenga amajana atatu bufise amahoro.

๐Ÿ’ผ Mu kazi no mu buyobozi, ntuhitemwo abantu kubera ko ari incuti zawe gusa. Hitamwo abafise ubushobozi, ubuhinga n'ubushobozi bwo kurangura neza ico ubashinze. Akazi gakwiye gushingira ku bushobozi, si ku bucuti gusa.

๐Ÿง  Ivyo ntibisigura ko umuntu akwiye kwanka incuti canke kubaho ata bucuti afise. Ahubwo bisigura ko dukwiye kuba maso. Ubucuti ni bwiza, ariko iyo buvanganye n'ubutegetsi, amafaranga canke inyungu zikomeye, bushobora guhinduka intandaro y'ingorane.

๐Ÿ”ฅ Abansi na bo nyene ntibakwiye kutubera ikintu co gutinya igihe cose. Hari aho kubumviriza, kubababarira canke gukorana na bo bishobora gutuma haboneka umubano mwiza ushingiye ku nyungu zisangiwe no ku kwubahana.

๐Ÿ“š Icigwa nyamukuru c'iri tegeko ni iki: Ntureke amarangamutima akuganze mu gufata ingingo zikomeye. Wame usuzuma abantu ukurikije ubushobozi bwabo, ukwizigirwa kwabo n'inyungu rusangi, aho kubashingira ku bucuti gusa.

๐Ÿ’ฌ None wewe ubibona gute? Woba warigeze kubona canke kuba mubintu aho incuti yaguhemukiye kurusha umwansi? Sangiza abandi iciyumviro cawe mu gice c'ivyiyumviro. ๐Ÿ‘‡

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja

โšฝ๏ธ Igikombe c'Isi cerekanye ko urwaruka rwafashe ikibanza gikomeye mu mupira w'amaguru๐ŸŒ Inyuma y'ihiganwa ry'Igikombe c'...
31/07/2026

โšฝ๏ธ Igikombe c'Isi cerekanye ko urwaruka rwafashe ikibanza gikomeye mu mupira w'amaguru

๐ŸŒ Inyuma y'ihiganwa ry'Igikombe c'Isi riheruka kurangira, vyaragaragaye neza ko urwaruka rufise impano zidasanzwe ruriko rufata ikibanza c'abahoze ari ibihangange mu mupira w'amaguru. Ishirahamwe , rizwi mu kugereranya agaciro k'abakinyi ku isoko ryo kwimurana, ryasohoye urutonde rw'abakinyi bafise agaciro kanini kurusha abandi kw'isi.

โญ๏ธ Ku mwanya wa mbere hari hamwe na , umwe wese afise agaciro kangana na miliyoni 220 z'ama-Euro. , n'ubwo akiri muto cane, abandanya gutangaza isi yose kubera ubuhinga budasanzwe n'uruhara rwiwe mu gutsindisha umugwi. na we abandanya kuba umwe mu batsinzi b'ibitsindo batinyitse kurusha abandi kw'isi.

๐Ÿ”ฅ aguma mu bakinyi b'agahebuzo, aho agaciro kiwe kageze kuri miliyoni 200 z'ama-Euro. Ivyo vyerekana ko aguma akina ku rugero rwo hejuru kandi ari mu bakinyi bihagararako mu mupira mpuzamakungu.

๐Ÿ’Ž Umwongereza abandanya kwerekana ko afise kazoza keza cane, aho agaciro kiwe kageze kuri miliyoni 170 z'ama-Euro. Akurikirwa na afise miliyoni 160 z'ama-Euro, hamwe na afise miliyoni 150 z'ama-Euro, bose bakaba baharurirwa mu bakinyi beza bo hagati mu kibuga b'iki gihe.

๐Ÿ† Abandi binjira mu bakinyi 10 ba mbere ni , , na , bose bangana agaciro ka miliyoni 140 z'ama-Euro. Ivyo birerekana ko abakinyi bakiri bato bo mu Buraya bariko barigarurira isi y'umupira w'amaguru.

๐Ÿ“ˆ Uru rutonde ntirwerekana gusa amafaranga abakinyi bashobora kugurwa, ahubwo rugaragaza kandi impano zabo, uburyo bahora bitwara neza mu nkino, imyaka yabo, hamwe n'ukuntu amakipe akomeye yo kw'isi abakeneye. Igikombe c'Isi na co caragize uruhara runini mu kwongereza agaciro kenshi muri bo kubera ukwitwara neza berekanye muri iryo higanwa.

๐Ÿ‘ Mbega wewe, ubona nde akwiriye kuba uwa mbere muri uru rutonde? Hari umukinyi ubona atari akwiye kubura muri aba 10 ba mbere? Tanga iciyumviro cawe mu gice c'ivyiyumviro. ๐Ÿ’ฌ๐Ÿ‘‡

โœ๏ธProf Samuel Ntahiraja

Address

Avenue Muyinga
Rohero

Telephone

+25761487677

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Samuel Ntahiraja posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The School

Send a message to Samuel Ntahiraja:

Shortcuts

Share