14/03/2023
ENGLISH FLOW CENTER (EFLC)
Mbega burya wewe urazi icongereza? Urakivuga neza? Urazi kugisoma no kucandika neza? Canke uragerageza gusa? None urazi ko ugikeneye canke uzogikenera ejo canke hirya y'ejo ? Hehe ? Ryari? Uzogikoza iki?
English Flow Center (EFLC) yaje ku bwawe, wewe ufise iyerekwa rya kazoza, wewe u*iko uwutarimye atamira, kandi wewe wemera ko ak'i muhana kaza imvura ihise. N'abandi barabishoboye kandi baremwe nka we. None babishoboje iki? Nta wumenyera vyose icarimwe, kandi uwutarondeye ntaronka. Ndazi neza ntakekeranya ko muri iyi si ya none tugezemwo, icongereza ni ururimi utegerezwa kuzokenera, uvyanka canke uvyemera, nimba hari aho wipfuza kwishikana heza mw'iterambera.
TURAGUHAYE IKAZE MURI ENGLISH FLOW CENTER.
Ingo tukwigishe ururimi kuko ni rwo nzira irashe yo guhanahana ivyiyumviro n'abantu bo kw'isi yose, hamwe no kwigishanya ibikorwa vy'iterambere n'amahanga. Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze. Ni wibaza gusa ngo iwanyu mwarash*tse canke murikwije, uzopfa udateye imbere.
Duhamagare utubazi kuri 79 491 658 canke 79 115 508
Urashobora no kuza aho dukorera tukaguha umuco:
Mu Gisagara ca Bujumbura, hepfo yo ku bitaro kwa BINAGANA, muri Galerie INNOVATION. Hahanganye na Microfinance UMUBANO iri iruhande ya SUMMIT INTERNATIONAL INSTITUTE.