09/02/2026
*ICIRWA: UBWOKO BW'amasabato nico yerekezako*
*ISENGESHO*
Mwami Mana, turagusavye ngo utuyobore muri iri somo, uturungikire Mpwemu wawe adufashe gutahura ukuri kwawe. Dufashe kwemera ukuri nkโuko kuri. Mu izina rya Yesu Kristo. Amen.
Ijambo *"Isabato"* rivuye ku giheburayo *โShabbatโ* risobanura *kuruhuka*. Ariko muri Bibiliya haboneka *ubwoko bwinshi bwโamasabato*, bigatuma bisaba gutandukanya *Isabato iboneka mumategeko yโImana* *nโamasabato yandi avugwa mumategeko ya mose*
Uyu musi turiga ku *moko yโisabato hamwe nโukuntu *Bibiliya* yerekanye itandukaniro hagati yayo.
Tuza kwibanda kw'isomo ry'urufatiro.
*Abakolosayi 2:14โ17*
1.Ibivugwa muri iyo mirongo yose bishingiye ku ciyumviro kivuga ko โurwandiko rwโimihango rwabambwe ku musarabaโ (2:14). Ni ngombwa gusobanukirwa nโinsiguro yโamagambo
Hati ico Bibiliya ibanza kutubwira:
ati Ni mujane iki gitabo c'ivyagezwe, mugishire i ruhande y'isandugu y'isezerano ry'Uhoraho Imana yanyu, kigumeho *kugira ngo kibe icabona co kubagiriza.*
Gusubira mu vyagezwe 31:26
Niwumva bavuga icete co kubagiriza ,berekeza kuri y'amabwirizwa y'imigenzo twiga yanditswe na Mose .
Hama kandi Bibiliya ivuga ko amategeko cumi ari amategeko agororotse(abaroma 7:7,14) hama kandi ni ay'umwidegemvyo(yakobo 1:25).
โ *Nuko rero* โ :ari ku murongo wa 16, kuko afise ico ashingiyeko.
2.Umuhango niumugenzo wama ukorwa wo mu idini wama werekeza ku kindi kintu. Nkโakarorero:
Gutanga ibimazi vyari vyerekana Mesia yari kazoza.
Gukomeza umunsi wa Pentecรดte buri mwaka vyari vyerekeza k'ugusukwa kwa mpwemu.
Iyo mihango ntiyari mu mategeko icumi (Dekalogosi), ahubwo yari yanditswe na Mose.
Mose yayanditse ku mpapuro zโumu*ingo, ariko amategeko icumi yo yanditswe nโImana ubwayo ku bisate vyโamabuye.
Umumaro wโayo mategeko yโimihango wari uwuhe? a) Yari umurezi ,yerekeza kuri Mesia yari kuzoza (Abagalatiya 3:19, 23โ25).
b) Yari igitutu cโumubiri wa Kristo (Abaheburayo 8:5; 10:1).
3.Amategeko yโimihango ntiyarekeye gusa ku bimazi ariko yarimwo nโibindi bintu vyaziririjwe:
Ibijanye nโivyo kurya nโivyo kunywa,
Ivyo kwisukura no kwiyuhagira (Matayo 15:1โ2, 19),
*Rero,hariho Imisi mikuru, yitwa amasabato,* n'imboneko zโukwezi (Ezekiyeli 46:6โ7; Abaheburayo 9:9โ10).
*Abayuda bari bafise ubwoko bubiri bwโamasabato* :
a) Isabato y'Imana yabayeho isi ikimara kuremwa (Itanguriro 2:1โ3).
b) Amasabato yโimihango yatanguye gutangwa i Sinai, ari indwi (nkโiya Pasika, umunsi wโimiganura, Pentekote, umunsi wโimpongano, nโayandi), yanditswe mu gitabo cโAbalewi 23 n'ahandi.
Itandukaniro riri hagati yโayo masabato yโindwi nโisabato yโumunsi wa karindwi:
1. Ayo masabato yโimihango yatanguye hashize imyaka nka 2.500 isi iremwe (mu 1446 M.K.).
2. Isabato yโumunsi wa karindwi ikomezwa buri ndwi ku munsi umwe nyene; ntihinduka.
Amasabato yโimihango yo yakurikiza amatariki, bigatuma imisi yo mundwi ashikirako ahinduka uko umwaka utashye.
3. Isabato yโumunsi wa karindwi itwibutsa ivyo Imana yakoze kera mu kurema isi;
amasabato yโimihango yo yareba imbere, yerekana Mesia.
4. Amasabato yโimihango yaravuyeho Kristo amaze kuba ivyuzuzo vyayo;
isabato yโumunsi wa karindwi yo izokomezwa nโabo mu ijuru (yesaya 66:23).
Bibiliya iratomora ko amategeko yarangiriye ku musaraba ari ayโimihango, atari amategeko icumi
(Abakolosayi 2:14; Abanyefeso 2:15; Abaheburayo 9:10).
Iyo amategeko cumi iba yarakuweho, abakristo bari kuba bafise uburenganzira bwo:
Kwica,Gusambana,Kwiba,Gusenga ibigirwamana,Kutubaha abavyeyi
Kubesha nโibindi vyose bibujijwe nโamategeko icumi.
None rero, ko abantu bagumya amwe muri ayo mategeko, vyoba bimaze iki mugihe kwica irya kabiri ribuza gusenga ibishushanyo nโirya kane ridusaba kuruhuka k'umusi w'indwi nk'isabato bibandanya, kandi Yakobo avuga ko uwishe rimwe aba ayishe yose?
Ni co gituma bigaragara neza ko Abakolosayi 2:14 hatavuga amategeko icumi, ahubwo havuga amategeko yโimihango yerekeye:
Ibimazi,Ibiribwa,Imboneko zโukwezi,Amasabato yโimihango indwi.
8.Umurongo wa 16 uvuga uti: โNuko rero ntihakagire ubacira urubanza.โ
Aya majambo โNuko reroโ asobanura โKubwโivyoโ, kandi ashingiye ku vyavuzwe imbere yaho, ni ukuvuga ko amategeko yโimihango yakuweho.
None se, ntihakagire ubacira urubanza kubera iki?
Umurongo wa 16 urabivuga:
Ku vyo murya canke munywa,Ku minsi mikuru,Ku mboneko zโukwezi,Ku masabato.
a) Ibijanye nโivyo kurya nโivyo kunywa (Matayo 15:12, 19; Abakolosayi 2:20โ21).
b) Imisi mikuru nโimboneko zโukwezi ntibiri mu mategeko icumi.
c) Amasabato avugwa ngโaho si isabato yโumunsi wa karindwi iri muri 10 y'Imana.
Umurongo wa 17 ni wo uheza neza ico ciyumviro:
Iryo vyo vyari igitutu cโibizoba, ariko umubiri wabyo ni Kristo.
Amabwirizwa cumi si igitutu, ni yo mpamvu iyo mirongo itayivuga.
Dusenge: Urakoze Mana,mukutwereka ukuri kudutera kwidegemvya.Duhe imitima yizera.mw'izina rya Yesu.amen