Paccy Garamento

Paccy Garamento Bujumbura

26/09/2022

Vyoba vyaragushikiye😂😂😂

04/09/2022
11/08/2022

Indirimbo ishobora kwijiriza amafaranga umuririmvyi gute?

🎼💵 Umuririmvyi w'Umurundi, MB aheruka kumenyesha ko indirimbo yiwe "Nyemeza" (https://youtu.be/iSvJCKtnkTE) yamwinjirije amadorari 1 000 (hafi imiriyoni 2 zirenga z'amafaranga y'amarundi).

🤔 Mushobora kwibaza uko indirimbo imwe yinjiriza umuririmvyi amafaranga. Ng'ubu bumwe mu uburyo Umuririmvyi ashobora gucamwo 📝

1️⃣ Gushira indirimbo ku mbuga ngurukanabumenyi

📱Umuririmvyi arashobora gushira ku mbuga ngurukanabumenyi indirimbo yiwe, abantu bagashobora kuyumviriza. Muri ico gihe, araronka amafaranga n'ubwo atari menshi cane.

📌 Ku rubuga rwa Spotify (ari na rwo rwa mbere abantu benshi bumvirizako indirimbo kw'isi) indirimbo yumvirijwe rimwe umuririmvyi aronka amadorari 0,0032.

📌 Ku rubuga rwa YouTube naho, indirimbo yarabwe n'abantu 1 000, umuririmvyi aronka hagati y'idorari rimwe n'abiri. Yarabwe n'abantu 20 000, yinjiza amadorari 40 gusa.

📌 Indirimbo yashizwe kuri Apple Music yumvirijwe incuro 100, yinjiriza umuririmvyi ifaranga rimwe ry'abanyaburaya (1 euro).

📌 Indirimbo irashobora kandi kugurishwa ku mbuga zitandukanye nk'iyitwa https://www.tunecore.com, kugira ngo ikoreshwe mu ma "publicités" atandukanye canke ibindi bikorwa.

2️⃣ Kugurisha indirimbo kugira ikoreshwe mu kumenyekanisha ibikorwa (publicité) vy'amashirahamwe atandukanye canke igakoreshwa mu mareresi. Muri ico gihe umuririmvyi aragiranira amasezerano n'ishirahamwe ryipfuza gukoresha iyo ndirimbo yiwe, bagahuriza ku giciro c'amafaranga bo muriha.

📻 Ikindi, mu bihugu biteye imbere nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika canke mu gihugu c'Ubufaransa, indirimbo iragurwa n'amaradiyo atandukanye kugira ngo ibashwe kuvuzwa.

3️⃣ Gutumirwa mu biteramo

Ntibikunze kuba kenshi, ariko umuririmvyi arashobora gutumirwa kuririmba indirimbo imwe mu giteramwo. Muri ico gihe, iyo ndirimbo iramwinjiriza amafaranga.

4️⃣ Kukoresha imyambaro iriko amajambo ari mu ndirimbo

Indirimbo irashobora gukundwa cane ku buryo umuririmvyi ashobora guhitamwo kugurisha imyambaro (udupira bita "t-shirts", inkofero canke ibindi) maze bikamwinjiriza amafaranga.

5️⃣ Biranashika abaririmvyi bakipfuza gusubiramwo indirimbo y'uwundi muririmvyi (remix). No muri ico gihe, uwugomba kuyisubiramwo aratanga amafaranga kugira ngo aronke uruhusha rwo kuyisubiramwo. Abasanzwe bakora indirimbo, abo bita aba "producteurs" birashika bakipfuza gukoresha agace gato kari mu ndirimbo (sample), naho nyene, uwo mu "producteur" aratanga amafaranga kugira ahabwe uruhusha rwo gukoresha ako gace gato kari muri iyo ndirimbo.

Inkomoko : https://bit.ly/3BYEjdt


24/07/2022
21/07/2022
20/07/2022

Address

Rumonge
Kanyosha
NON

Telephone

+25761216186

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Paccy Garamento posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share