31/01/2026
🏟️ Twibuke amateka ya stade “Intwari” yahoze yitwa “Prince Louis Rwagasore”
👉🏾 Stade Intwari ya Bujumbura yinjiwe ku mugaragaro kuri uyu wa 31 Nzero 2026, inyuma y’imyaka itatu y’ibikorwa vyo kuyubaka bushasha kugira ije ku rwego mpuzamakungu. Iyi ni intambwe ikomeye mu mupira w’amaguru n’izindi nkino mu Burundi. Ifise ubushobozi bwo kwakira abantu bari hagati y'ibihumbi 15 na 16.
⚽ Mu kuyugurura, mu masaha y'umutaga habaye urukino ruhuza Vital'o FC na Bumamuru FC, rukaba rwarangiye Vital'o ifise intsinzi ya 2-1. Mu kanya k'akaruhuko, umugwi uririmba YM watanze "show", hakwirikira umusani Kirikou Akili arikumwe na Double Jay bakije umuriro mu bafana ku ma "hits" y'ibisazi 🔥🎼
🤗 Prezida Evariste Ndayishimiye yahavuye yishikira ku kibuga Intwari, isaha cumi n'imwe z'umugoroba (17h) zirenga gato, yakirwa n'abategetsi batandukanye, be n'uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, aca agirako atabura igitambara co kwugurura ikibuga ku mugaragaro.
👌🏽 Iyi nyubakwa nshasha kandi igezweho irakwije ivyo amategeko mpuzamakungu asaba, bikazotuma Uburundi bwakira inkino mpuzamakungu tutibagiye iz'umugwi nserukiragihugu.
🙋🏾♂️ Iyi stade yubatswe ubwa mbere mu 1962, kera yari yitwa Stade Prince Louis Rwagasore, mu guhimbaza intwari y’ubwigenge bw’igihugu yishwe muri Gitugu mu 1961. Ni no kuri ico kibuga hadugirijwe ibendera ry’Uburundi, iry’Ububirigi riramanurwa ku wa 1 Mukakaro 1962 mu birori vyo kwikukira kw’Uburundi. Kuwa 1 Nyakanga 2019, mu kwigina isabukuru y’imyaka 57 y’ukwikura kw’igihugu, ni ho yahawe izina rishasha Stade Intwari.
🏗️ Ibikorwa vyo kuyubaka bushasha, vyatangujwe mu 2022, habanje gusamburwa inyubakwa zayo za kera, hanyuma babona kwubaka stade nshasha yemewe ku rwego mpuzamakungu. Iki gikorwa cashigikiwe na Reta y’Uburundi, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, amashirahamwe atandukanye n’abanyagihugu.