12/07/2025
: Ni iki twomenya ku ntunganyo nshasha y'uburere bugize uburundi?
🇧🇮 Mu Burundi harashizweho itegeko Nº1/05 ryo kuwa 16 Ntwarante 2023 rishinga imbibe nshasha z'intara, ama Komine, ama zone, imitumba, n'ama Karitiye.
📝 Muriyo ntunganyo nshasha, intara zavuye Ku gitigiri ca 18 zija kuri 5 aho ama Komine yavuye kuri 119 aja kuri 42,...
aha twomenya ko kugera ubu u Burundi bugizwe n'intara 5, ama Komine 42, ama zone 451, n'imitumba 3044.
📁 Ku kijanye n'indinganizo nshasha twomenya ko n'ibikorwa vyo gucapa uturere vyabanje imbere ya rusansuma iherutse kuba vyatanze amakuru mfatirwako y'aho buri gace kose kagarukira mbere kikaba n'igikorwa kizoba gikomeye Aho buri hantu hose hari ikuntu gitwa i karata izosubirwamwo kubera ko uburere bwose bwahindutse.
🛑 umwe niwe yibajeje ati: mbega ko ibintu vyose nihindutse, tutitaye kuvy'intwaro, ubwo za nyigisho mumashure zozo bizokworoha ko bazihindura mwuyu mwanya nyene?
? Musomyi, nawe nakahe kabazo wokwibaza kubijanye niyi ntunganyo nshasha ?