Educefa News

Educefa News Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Educefa News, Education, Bujumbura – Centre Ville , Le Parisien Avenue de la science Gallerie kubwa Plaza (Kwa Kapa) Nº BC8, en face de Nice Clean Shop, Bujumbura.

🎓 Official page of EDUCEFA (Education Center For All)
🌍 Connecting Burundi's and others Youth to Global Education
✈️ Study Abroad | Admissions | Scholarships
📖 Information • Guidance • Opportunities
🚀 Building Future Leaders

🛑Ikigo   (Education Center For All) kirakeje cane abanyeshure bo muri   baraye bagize amahirwe yo gukora ikibazo gitanga...
23/08/2026

🛑Ikigo (Education Center For All) kirakeje cane abanyeshure bo muri baraye bagize amahirwe yo gukora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga hanze y’igihugu (Scholarship Exam), categuwe na Kaminuza Final International University ( ).
🎓Woba ufise indoto zo kwiga hanze?
🌍 Iriho kubwawe.

🛑 (Education Center For All) warmly congratulates the students from who had the opportunity to take the Scholarship Exam, organized by Final International University (FIU), providing them with an opportunity to pursue their studies abroad.

🎓 Do you dream of studying abroad?
🌍 is here for you!

20/08/2026

🛑🗣🗣🔉NAGERAGEJE KUGIRA AMATOHOZA, NDABAZA KUGIRA MENYE IBIKORWA BAKORA N'INGENE BABIKORA, NDASHIKA N'AHO BAKORERA BATAZI IKINJANYE ARIKO NDIKO NDONDERA AMAKURU YIMBITSE, KUGEZA UBU NDEMEZA KO MURI BAVUGISHA UKURI.
----------------------------------------
Intahe nfise uyu musi n'imwe gusa :''Muri nasanze bavugisha ukuri,🔥 ivyo bambariye , n'ivyo nabonye, haba mu kuronderera amashure abana, ama visa, hamwe n'ivyo nvugana n'umwana wanje yamaze kugenda hamwe n'abagenzi biwe nashaka ndababwire yuko nasanze muri bavugisha , iyo ni yo yonyene nfise, hamwe n'ivyo babwiye muri , n'ivyo umwana wanje ambwira , ndemeza ko agence yabo ari iy' kandi ko batandukanye n'abandi , iyo ni yo ntahe yanje.''

🛑Ayo n'amwe mu majambo yavuzwe n'umushingantahe Papa wa aheruka kugenda kubandaniriza amashure hanze, mu nama idasanzwe yahuje abanyeshure, abavyeyi, abayobozi b'amashure hamwe n'abatwara indero m'uburundi yabereye mu Kinindo Kuri 's_conference_center. Intahe yose iri aha 👉👉👉👉 https://youtu.be/psont9hmgQk?si=WPyowKXBXPGRX6KJ

Musomyi, wakiriye gute iyi ntahe?

18/08/2026

« Ikibazo nticari kigoye cane; cari ikibazo c’ubumenyi rusangi. Abenshi dufise amanota ari hejuru y’ibice 80 kw’ijana. Ariko hari abantu bamwe baduca intege, bakatubwira ko tuzosanga ari ibintu bigoye cane inyuma y'ikibazo, ku buryo twiyumvira ko ivyo kwiga hanze hari abantu vyagenewe atari ivy'abantu bose. Ariko nyuma yo gusigurirwa neza uko bimeze, twasanze ari ibintu butavuna cane kuko twiteguye no kubanda . Vyongeye, na irafasha cane Kugeza ubu, natahuye ko muri bafasha abantu vy’ukuri kandi bakabashikana ku ntumbero yo kuja kwiga mu mahanga. Abavyeyi bamaze kurungikayo abanyeshure, badushingiye intahe, batubwiye uko vyagenze igihe barungika abana babo kwiga hanze, kandi twasanze ari vyiza cane. Ivyo bituma tugirira icizere kandi tukaba twiteguye kubandanya urugendo rwacu. »

🛑Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe n’umwigeme , inyuma y’ikoraniro ridasanzwe ryahuje abanyeshure n’abavyeyi b’i kuri , aho bariko barasigurirwa intambwe ku yindi ibijanye n’urugendo rwo kwiga mu mahanga hamwe na . Ikiganiro cose kiri aha 👉👉👉👉👉👉👉 https://youtu.be/UCOpf05Aw0A

17/08/2026

🎓🔥🔥
💬« Twebwe abanyeshure baheza ubu, tuba twipfuza kwiga amashure menshi kandi no kwiga mu mahanga. Ariko amahirwe yo kuronka amashure canke visa akenshi aba make. Benshi muri twebwe twakoze ibibazo vya Campus France hamwe n’ibindi bitandukanye, ariko tukama dushika ku ntambwe igoye kurengana, ari yo yo kuronka visa. Ariko muri , Nasanze ico kibazo ataco bafise. Barabandanya kuba hafi yawe kuva utanguye urugendo, umaze gushikayo, mbere gushika uhejeje amashure. »

🛑Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe n’umwigeme , inyuma y’ikoraniro ridasanzwe ryahuje abanyeshure n’abavyeyi babo bariko bitegurira gufata urugendo rwo kwiga mu mahanga, mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru wa Radio NDERAGAKURA. Kurikirana ikiganiro cose uciye aha 👉👉👉https://www.facebook.com/share/v/1b696KF7W6/

15/08/2026

💬“UBWA MBERE NARAKOZE IKIBAZO, NDATINYA KUBANDANYA KUBERA KO ATA CATUMA NDABIZERA NARI BWARONKE. ABAGENZI BANJE 3 TWARIKUMWE BARABANDANIJE, BARAGIYE KWIGA HANZE. UBU NANJE AKA KARYO NTIKAZONCIKA”
----------------------------
🛑Ni intahe yashinzwe na Katty Sereine Ishimwe, umwe mu banyeshure bari bitabiriye inama ikigo Education Center for All ( ) catunganije, ku wa 31 Mukakaro 2026 mu nyubakwa z’ihoteri Source du Nil i Bujumbura, igamije gusigurira abavyipfuza bose uburyo bwo kuronka buruse zo kwiga mu mahanga n'uburyo bwo kwitegurira kwinjira muri za kaminuza zo hanze y'igihugu, nko ku mugabane wa Buraya n'ahandi
🟠Aganira n’Abamenyeshamakuru batandukanye inyuma y’iyo nama, ashinga intahe ati: “Narangiwe EDUCEFA muri Ruhuhuma 2026 n’abagenzi banje. Bambwiye ngo tujeyo, ndabemerera turakora ikibazo. Ariko nca ndabiheba kuko ntari bwaronke uwumaze kujayo ngo ancire agace, sinizera ko bishoboka. Abo bagenzi banje 3 bo barabandanije, ubu barash*tse ku mashure neza, bariko bariga.”
🛑 Uwo mwigeme abadanya ati: “Intahe banshingiye bagezeyo zatumye nanje mvuga nti ‘ikibazo gikurikira ntikizoncika.' Ubu iriko iramfasha kuronka ama dosiye akenewe nce ngenda. Ishure nararironse, vyose biriko bigenda neza. Rero hari ibintu twiyumvira tukiri muhira tukumva umenga ntibishoboka ariko kugeza ubu ndabona ko muri ari abantu beza kandi babizigirwa nk’uko abagenzi banje bari babibwiye, maze kubitura natahuye vyinshi.”
🛑Kuri uwo musi nyene, nayo Kelly Kessia Ingabire we yagize ati: “Maze kwumva ivy’ikibazo n’amanota bafatirako kugira ngo umuntu aronke buruse nziza. Narasomye intahe badushingira biciye kuri facebook, sinazizeye. Naciye nironkera umuntu yagiyeyo biciye muri EDUCEFA, aca ambwira ko ivyabo ata manyanga birimwo, nca ndafata ingingo ndaza. Narakoze ikibazo, kandi imyiteguro yo kugenda igeze ku ntambwe ishimishije.” Video y'ikiganiro cose iri aha: 👉👉👉👉👉👉👉 https://youtu.be/whL8ALesza4

Wakiriye gute iyi ntahe ? Ubwo nawe ntiwoba waragize ubwoba? Akajambo kamwe kuri EDUCEFA?

KWIGA HANZE, KWAGURA ISI YAWE🌍🎓✈️======================🛑Kwiga hanze ni akaryo ko kwagura ubumenyi, kumenya isi nshasha n...
12/08/2026

KWIGA HANZE, KWAGURA ISI YAWE🌍🎓✈️
======================
🛑Kwiga hanze ni akaryo ko kwagura ubumenyi, kumenya isi nshasha no kwugurura imiryango y’amahirwe menshi.

🛑Ntukagarukire aho uri gusa. Indoto yawe irashobora kugushikana kure kuruta uko wiyumvira.
🎓 Kwiga hanze, kwagura isi yawe, kwubaka kazoza kawe!

🇧🇮  Ni ubwahe butumwa budasanzwe woshikiriza aba bantu? Wamenye nde muri bo?, Ubazi gute?🇬🇧  What is one important messa...
11/08/2026

🇧🇮
Ni ubwahe butumwa budasanzwe woshikiriza aba bantu? Wamenye nde muri bo?, Ubazi gute?

🇬🇧
What is one important message you would like to share with these people? How did know them? Who among them did you know ?

10/08/2026

🔥🔥🔥Nyuma yo kubeshwa n’abahumbu bavuga ko bafasha abantu kuja kwiga hanze, yahavuye ahura n’abantu ba bizigirwa kandi bavugisha ukuri, baramufasha gushikana umwana wiwe ku ntumbero yiwe, gushika aho ashika ku ndoto ziwe zo kuja kwiga hanze.

⁉ Ukeneye gukwirikirana intahe yose? fyonda aha👉👉👉 https://youtu.be/tskhe9oFe50?si=fyrf_d8Eku4HbTL4

09/08/2026

🎓 BENSHI BIYUNVIRA NGO IVYO KWIGA HANZE VYAGENEWE BAMWE: INTAHE YA EMMANUEL KU RUGENDO RWO KWIGA HANZE Y’IGIHUGU 🌍✈️
===========================
🛑NIMUBONA Emmanuel , umwe mu bavyeyi bafise abana bakoze ikibazo gitanga amahirwe yo kwiga y’igihugu ( ), yarashikirije intahe yiwe inyuma y’inama idasanzwe yahuje Abavyeyi, Abanyeshure, Abajejwe indero hamwe n’abandi bose bari bitavye iyo nama i , kuri .

🛑Mu majambo yiwe, Emmanuel avuga ko yafashijwe cane n’insiguro yahawe muri iyo nama ku bijanye n’ingene urwaruka rushobora kuronka amahirwe yo kuja kwiga hanze y’igihugu biciye baciye .Avuga kandi ko iyo nama yamwuguriye ubwenge cane, akamenya vyinshi ku bijanye n’urugendo rwo kwiga hanze, kandi ko yatahura ko urwaruka rukeneye ubumenyi n’amahirwe kugira rushobore kwiteza imbere no kugira uruhara mu guteza imbere igihugu.

🛑Emmanuel yavuze kandi ko inyuma y’inama, yafashe ingingo yo kubandanya urwo rugendo , kuko yasanze insiguro zatanzwe zari ngirakamaro cane. Yongeyeko ko n’abandi bavyeyi n’abanyeshure bari bitavye iyo nama bakiriye neza izo nsiguro kandi bakazishima.

💬Mu butumwa yatanze ku bavyeyi, Emmanuel yabateye akamo ko bokora ibishoboka vyose kugira bashigikire abana babo mu mashure , harimwo no kubafasha kurondera amahirwe yo kwiga hanze y’igihugu. 🔆Kuri we, uvuga ko si amahirwe yagenewe abantu bafise uburyo bwinshi gusa ,ko biva no guha agaciro ico gikorwa hanyuma umuntu agashiramwo inguvu, ngo kuko abantu bafise ubushobozi butandukanye bivanye n’uburyo Imana yabahezagiye, ni co gituma yahamagariye abavyeyi kutagira ubwoba bwo kugerageza, ahubwo bagashigikira abana babo igihe baronse amahirwe nkayo “Uwugomba umubira abira akuza.”

🛑Emmanuel yibukije ko gushigikira abana mu mashure ari ko ari ikintu kidasanzwe , kuko baheza bakazogaruka bafise ubumenyi n’ubushobozi bwo kubunganira, gufasha imiryango yabo no kugira uruhara mu guteza imbere igihugu.🇧🇮❤️

Address

Bujumbura – Centre Ville , Le Parisien Avenue De La Science Gallerie Kubwa Plaza (Kwa Kapa) Nº BC8, En Face De Nice Clean Shop
Bujumbura

Opening Hours

Monday 08:00 - 17:00
Tuesday 08:00 - 17:00
Wednesday 08:00 - 17:00
Thursday 08:00 - 17:00
Friday 08:00 - 17:00
Saturday 10:00 - 15:30

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Educefa News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category