Menya Plus

Menya Plus

Share

Action Menya Plus est un espace ami-jeunes pour s'informer, s'exprimer et s’éduquer sur une bonne santé sexuelle et le VIH.

Action Menya Plus favorise le partage d'expériences et l’apprentissage mutuel comme moyens de faciliter l’accès à l’information et être un guide aux services disponibles.

“Tout commence par toi… Tout commence par s’informer“

11/02/2025

Amahoro cane☺️.

Uno munsi twashimye kubaganirira ku ndwara bita intandara canke mu gifaransa.
Iyo ndwara mu kirundi bayiha amazina menshi : igicuri,ibiduduzi, utunyoni n’ibindi. Yamara uko bayita amazina atandukanye niko mukibano duheza tukayiha insiguro zitandukanye. Iyo ndwara ntizwi kubera igira n’ibimenyetso bitandukanye kanatsinda iyo ndwara ifata mu buryo bubiri ariyo le petit mal na le grand mal.

Le petit mal niyo ifata kenshi abantu, iyo nayo umuntu ntaheza ngo atakaze ubwenge; ifata ikadadaza igihimba kimwe c’umubiri nk’ukuboko canke amaso, uwuyifise ntasobanukirwa neza ibimushikiye araheza akagira nk’ikibazo igihe yariko aravuga canke gutahura, birashika nk’igihe umuntu ariko araharura akibagira aho yarageze, hari ibindi bimenyetso nk'igihimba kimwe c’umubiri bigakunda gushika kikikakaza mu buryo butamenyerewe canke nkiyo umwana muto ashobora gusa n'uwurerembuje amaso canke agakubita ingohe mu buryo butameneyerewe uwutabizi akavuga ngo n’utunyoni,…

Le grand mal nayo ni mu gihe umuntu yikubita hasi,agatakaza ubwenge, agacira ifuro n’ibindi agaheza akavyuka inyuma y’iminota itarenga itanu ariko avyutse ntaheze ngo amenye ivyamushikiye.
Hari abibaza ko indwara y’intandara ari indwara yo mu mutwe, habe namba!!! Ibitera iyo ndwara ni vyinshi ariko ivyo bimenyetso biza kubera ko ata guhanahana canke communication yabaye hagati y’udutsi nsozabwenge two mu mutwe utwo bita neurotransmetteurs ivyo rero bigatuma haba iyo crise, iyo ndwara isanzwe ivurwa iyo imenyekanye hakiri kare, iyo bidakunze naho hashobora kubaho ico bita kugabanya ama crise umuntu yarasanzwe agira.

Ku muntu afise indwara y’intandara bigira kenshi ingaruka ku wurwaye mu buryo bwo mumutwe agahungabana canke no kumuryango wiwe; muti gute🤔?

1. Ingaruka mbi umuntu agendana iyo ndwara ni nyishi naho kenshi bitavugwa kuko iyo ndwara kenshi uwuzoyigwara azobanza kujanwa kubavuza imiti y’ikirundi canke ku musengera kubera bibaza ko yoba yafashwe n’ibisigo canke ibindi gurtyo bigatuma ya ndwara iguma igwira mu muntu agateba kuvuzwa.
2. Umuryango kenshi ugerageza gukumira wa mwana canke wa muntu agendana iyo ndwara aho kenshi baba bibaza ngo bariko baramurinda kubabara ariko baba bariko bamubabaza gusumba, ivyo rero bigaragara mu kumubuza gukora ivyo abandi bakora, gukina n’abandi bana, kuja kw’ishure, kuja aho abandi bari,... aho hose batinya ko yohava yikubita hasi imbere y'abantu, kenshi banka ko yobamaramaza.
3. Gutungwa urutoki nabo bigana canke abo mu kibano ivyo bigatuma uyo muntu asa nk’uwikumira ntaheze ngo akore canke yiyumvire ivyomuteza imbere nk'abandi.
4. Mu gihe agize crise ya le grand mal, ashobora k***a ku kintu kimukomeretsa canke akarwa mu muriro gurtyo agashobora gukomereka, agasha canke akahasiga ubuzima. Ni naco gituma abantu bari bakwiye kwiga ingene bofasha umuntu yagikze ikibazo nkico.
5. Ikindi naco nuko nawa muryango ufise umuntu agwaye uragira akabonge ko kubona umuntu wabo agira izo crises ataco baribumufashe, harimwo no kumuvuza igihe kirekire n’uburyo bw’umuryango buhaherera.

Mu guheraheza, nukwibutsanya ko iyo abarwayi b’intandara bajanywe kwa muganga, bagakwirikiza impanuro za muganga, barashobora kurangura imirimo abandi bose barangura harimwo guteza imbere imiryango yabo n’iguhugu. Ni ngombwa ko bavuzwa, bagashigikirwa mu kubereka ko bashoboye aho kubagirira impuhwe ngo bakumirwe.




31/01/2025

Veuillez prévenir✋ de tels cancers en vous faisant dépister💉régulièrement. Une bonne santé✨😇 nécessite un esprit responsable.
Pour tout besoin d'orientation sure et efficace, n'hésitez pas à nous✍️ écrire.



29/01/2025

Étiez-vous au🤔 courant? Il est crucial🫰✨ de rester informé pour garantir une bonne santé🤗.




27/01/2025

Kumbuka🧏‍♂️ hii ili kuhakikisha jamii👨‍👩‍👧‍👦 yenye na yenye .



17/01/2025

Inspirez-vous🫰 de ce message pour améliorer votre bien être💆 mental. Pour toute nécessité🤔 d'assistance psychologique, n'hésitez pas🤗 a nous contacter pour un accompagnement👌 adapté à vos besoins.



15/01/2025

Votre pas est capital pour un avenir prometteur✨.




31/12/2024

Une nouvelle occasion renforçant notre engagement a vous partager des informations sures✨ pour pérenniser votre bien être.



25/12/2024

Une journée a célébrer avec tendresse et amour indéfectible.


18/12/2024

Partageons ces mots d'engagement indéfectible avec nos proches.



18/12/2024

Partageons ces mots d'engagement indéfectible avec nos proches.




18/11/2024

Dépistons nous pour une bonne pour tous et un monde meilleur!!!






30/10/2024

Bakunzi ba Menya Plus👋, turabahaye ikaze mwi higanwa ribera kuri runo rubuga. Murashobora kwishura kuri ivyo bibazo muciye muri commentaire✍ gurtyo mukaronka amahirwe yo gutahukana AKAGANUKE🥳.

Twobamenyesha☝️ ko iryo higanwa rizomara iminsi itanu guhera ino tariki ya 30/10/2024 gushika itariki 03/11/2024 isaha zitandatu z'umugoroba.

Tukaba tubashimiye cane🤗.





Want your school to be the top-listed School/college in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Address


Bujumbura

Opening Hours

Monday 09:00 - 17:00
Tuesday 08:30 - 17:00
Wednesday 08:30 - 18:00
Thursday 08:30 - 18:00
Friday 09:00 - 17:00
Saturday 08:30 - 14:00