UKURI KW'ijambo ry'Imana

UKURI KW'ijambo ry'Imana 1jean4:4

05/01/2023

*KU WA KANE, 05 NZERO 2023*

_IJAMBO NI:_
```《GUTANGAZA INTSINZI KUVA MU NTANGO》```

*PASTOR PATRICK NGENDAKUMANA*

*1. ICIGWA:*
*_1Samweli 17: 46-47 Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand' imivyimba y'ingabo z'Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n'ibikoko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har' Imana; kand' iri koraniro ryose rimenye yuk' Uhoraho adakirisha inkota cank' icumu, k*kw intambara ar' iy' Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu."_*

Nama ntangazwa n'iki gice muburyo butandukanye igihe cose ndahasomye. Igice gitangaje cane n'igihe Dawidi yatinyuka kuvuga ko yatsinze Goliyati imbere yuko banarwana. Naho ari vyiza kuvuga ibikorwa bitangaje Umwami yagukoreye canke ariko aragukorera, hari ubundi bwiza bufatanye no gushimira Imana canke kuvuga intsinzi ukiri mu ntango. Dawidi ndetse yavuze ko aza kumwica uwomusi nyene kandi Ko n'umubiri wiwe awugaburira ibisiga. Ivyo ni vyo mba mvuze iyo mvuze kuvuga intsinzi mu ntango.

Benedata, biroroshe gutangaza intsinzi yawe iyo uhejeje amashure, ariko kuvuga cane kandi utomora neza imbere yabariko barakwumva umunsi wambere winjiye mw'ishure ko uzomenya bisaba ugushiramanga kwinshi. Ariko ivyo nyene nivyo bizokugira uwunesha. Ni itegeko mu bwami bw'Imana. Nturindire mu mpera, himbaza instinzi kuva ukiri mu ntango.

*_1 Yohana 4: 4 Mweho mur' abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: k*k' Uri muri mwebge aruta uri mu b'isi._*

Iyo uriko urasoma Bibiliya, ni vyiza kwitwararika ivy'imyanya, muri uyu murongo Bibiliya ivuga ngo warabanesheje. Urashobora kubona impamvu dushobora gutangaza dushize amanga intsinzi ku bintu vyose biduhagaze imbere tukiri mu ntango? Ni kubera ko tuza tuzi ibiza kuvamwo, turi mw'isubiramwo ry'ivyamaze kuba.

Bibiliya ivuga ko Umwami yahejeje ibikorwa vyiwe kuva mu ntango, ico kintu si gishasha mu maso y'Imana, warabinesheje, watangarijwe ko watsinze n'itegeko rihambaye ry'Imana.

Kume

Address

CIBITOKE
Bujumbura
257

Telephone

+25769957726

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when UKURI KW'ijambo ry'Imana posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The School

Send a message to UKURI KW'ijambo ry'Imana:

Shortcuts

Share