02/08/2026
🔴🇷🇺FLASH: Inyuma yo kubuza ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova, Uburusiya, ubu bwafashe n’imitungo yabo (Immobiliers) igera kuri 123.
Sentare yo mu Burusiya yategetse ko amashirahamwe yabo yose yanditswe mu mategeko akwirikiranwa, kandi ko amatungo yabo yose afatirwa agahabwa Leta y’Uburusiya.
Ivyafashwe birimwo inyubakwa 63 zo kubamwo canke z’ubudandaji, hamwe n’ibibanza 60, vyinshi muri vyo bikaba vyakoreshwa nk’Ingoro z’Ubwami (Salles du Royaume) canke nk’ibigo vy’ubuyobozi bwabo.