08/04/2026
Donald Trump🇺🇸, itangazo yaraye ashikirije mw'ijoro ryo kuruyu w'7 Ndamukiza. Yagiz'ati :
Dushingiye ku biganiro nagiranye n'mushikiranganji wa Pakistan Shehbaz Sharif hamwe na Field Marshal Asim Munir, aho bansavye ko nohagarika igitero gikomeye cari gitegekanijwe gukorerwa Iran iri joro.
kandi bisabwe ko Repubulika ya Kisilamu ya Iran yemera kugurura burundu, vyihuta kandi mu mutekano, inzira ya Hormuz (Strait of Hormuz), ndemeye guhagarika ibitero n’amasasu vyari bigiye gukorwa kuri Iran mu kiringo c’indwi zibiri.
Ibi bizoba ari uguhagarika imirwano ku mpande zose (ceasefire). Impamvu nyamukuru ni uko twamaze gushika no kurenza intumbero zose z'igisirikare twari dufise, kandi turi kure cane mu gushika ku masezerano ashimikiye ku mahoro arama na Iran hamwe no mu Burasirazuba bwo Hagati.
Twaronse umugambi w’ingingo 10 uvuye muri Iran, kandi twizera ko ari ishingiro ryiza ryo kugirirako ibiganiro. Ibibazo hafi ya vyose vyahora bituma habaho ukudahuza hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran vyaratorewe umuti. Ariko ico kiringo c’indwi zibiri kizotuma ayo masezerano arangira neza kandi ashirwe mu ngiro.
Mw’izina rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’Umukuru w’Igihugu, kandi mpagarariye n’ibihugu vyo mu Burasirazuba bwo Hagati, n'iteka rikomeye kubona iki kibazo kimaze igihe kirekire kiri hafi gutorerwa umuti.
Murakoze ku kuntu mwavyitayeho.
Perezida DONALD J. TRUMP
Utuntu n'utundi videos