21/07/2021
: kwiyumva ko wibungenze muga atari vyo, muti ivyo ni ibiki ? 😲
🤨 Ku musi w'Imana uheze, hari umukenyezi yafashwe ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori (Hôpital Prince Regent Charles) yariko "ashaka kwiba umwana". Imvo ngo "yari amaze imisi abwira umugabo ko yibungenze uwo musi mbere akaba yoba yari yavuze ko yanibarutse" 😞
🤔 Muti ivyo twobitahura gute ?
👀 Ubiravye neza, bisa nk'ibikunzwe kwitwa "kwumva ko ufise imbanyi ariko atari vyo" ibizwi nka "grossesses nerveuses", mu Gifaransa.
🤔 Ivyo navyo bifata kenshi abigeme baba bafise ubwoba bwo gusama canke abakenyezi bariko baregereza imyaka mirongo ine, baba bifuza cane imbanyi ariko batarigera bayironka 😒
🙊 Umukenyezi yitwa ko afise imbanyi itariyo (grossesse nerveuse) uretse ko aba yiyumva muri we ko vy'ukuri yibungenze, aranagira ibimenyetso nka birya abandi bakenyezi bibungenze vy'ukuri bagira nk'iseseme, gushaka kudahwa, kumva umwana akina mu nda, eka mbere ugasanga ntabe akija mu butinyanka, ivyo vyose yamara bikaba ata mbanyi namba ihari, n'iyo agiye ku bipimo kwa muganga badatora namba 🙅🏽♂️
🙇🏾♀️ Ibitera ivyo ni vyinshi. Uri abakenyezi inda zabo zagiye zirakoroka, canke bashikiwe n'ugukuramwo imbanyi kubera indwara. Imisemburo mu mubiri, ingorane umuntu aba yisangije canke nk'indwara y'igitereko biraheza bigatuma umukenyezi agira ivyo bimenyetso vyose 😓
👨🏿 Ku bwa Pierre Claver Njejimana yanonosoye ivy'inyifato asanzwe akorera mu kigo gifasha abafise indwara zo mu mutwe CNPK, "ngo ni kimwe mu nyifato zo kwigwanira (mécanismes de défenses) na canecane mu bihugu nk'ibi vyacu aho umukenyezi agiye kwubaka baba biteze ko avyara n'ingoga na n'ingoga bitagenze uko akabonwa nk'igicibwa." 😏
🧠 Iyo ndwara, ubundi iboneka gake, iri muri zimwe zifatira mu mutwe (trouble psychologique), mu kuvugwa ikaba ikenera ahanini ubufasha bw'abanonosoye ivy'inyifato (psychologues) 🥼
Muramaze kubona nk'ivyo aho mubaye ? 🤔