26/03/2022
😂😂😂😂😂
😅 Mbe mugiye i gutera igitoke mwavyifatamwo gute?
--------------------------------------------------------
📝 Abize mu mashure y'indaro (internat), gutera igitoke kwari ukugenda mu kazu ka surwumwe kugira umwanda mukuru. Benshi bavyita ugutandukanye bivanye n'amashure bizeko
🤭 Aho bamwe bita i Bengazi, abandi bahita i "Goya", mu "Kimoteri",... isuku rike bahasanga niryo ryatuma bagira inyifato zimwe zimwe
😅📄Uwaja i Bengazi yajayo yitwaje itike rikwiye (ibipapuro) ngo uze gusinya neza, wahura n'uyundi yaryibagiye ukamukatirako
🤭 Akenshi mu kwinjira uwajayo yabanza gukura uduhuzu (uniforme) akaraba aho atumanika, kugire ngo niyavayo ntaze kudegaja (kumota nabi)
🚪Winjiye rero hari igihe wasanga hari uwadepoje mu mfuruka za Goya canke agashira iruhande y'akanogo. Umuhinga mu gusinya nawe yasiga k'uruhome nko ku metero zibiri. Wavayo ukabanza gutembera gato ngo akamoto kabi kagabanuke
🙆🏾♂️ Ese rero ngo baguhaye "corvée" arico "gitravaux" co kuhakora, iyo minsi akayabagu waba usezeye
❓Ikibazo c'utuzu twa surwumwe mu mashure y'indaro cama gihahamura benshi kubw'isuku ryaho rigoye kubana. None harya ababikora baba bamerewe gute babona hacafuye kubera bo ?
👀 Basomyi, abaciye muri n'ibihe bindi bintu mwakora mu kwirinda isuku rike ryo mu tuzu twa surwumwe ?