KIN_School

KIN_School Ubwiza-Ubumenyi-Iterambere

20/11/2024
16/10/2024

Ni gute abegwa n'indero bokora ngo umwaka w'ishure urangire abanyeshure bafise amanota meza?

03/06/2024

📌"ingwara yo mu kigo":irarindwa,iravugwa,irakira.
🤰🏾Ingwara yo mu kigo ni ingwara ivuye ku ka gorane kaba mu gihe umukenyezi aba ariko aribaruka.Igafata ahanini abakenyezi bamaze umwanya muremure bariko baribaruka canke abibarukira mu hira kuko baba bibarutse bibagoye cane.

Iyo ngwara ifata ahanini 🧏🏾‍♀️abakenyezi bari mu myaka iri hagati 19-49 na cane cane abari musi y'imyaka 25 nk'uko tubimenyeshwa n'ishirahamwe UNFP.

✍🏾Ibimenyetso vyayo bihagaze ahanini ku gusohokera hamwe kw'umwanda mukuru na mutoyi.
inyuma yo kwandura iyo ngwara abenshi mu bakenyezi baratabwa n'imiryango yabo Ku bw' akamoto atari keza kaba kava kuri bo.Bamwe muri abo bakenyezi bagwaye iyo ngwara bagaca baharirwa ivomo barahasinzikarira ku mutima kubw'ugutabwa n'imiryango yabo.

📅 Mu mwaka wa 2010 haruguruwe mu ntara ya gitega ikigo kivura" ingwara yo mu kigo" .ico kigo kikaba kimaze kuvura abakenyezi 2607 mu kiringo c'imyaka 13.

👩🏾‍⚕️Nubwo biruko ingwara yo mu kigo n'ingwara irindwa,ivugwa,kandi igakira.Twese turahamagariwe gushigikira abo bakenyezi, kubaba hafi no kutabakumira ,ahubwo kubahimiriza kuyivuza ,no kuvyarira kwa muganga narirya vyabonetse ko abakenyezi bayigwaye abenshi baba bibarukiye muhira.


Address

Nyabugete IV, 4eme Rue En Bas De La Station MEGA OIL
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KIN_School posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category