Haguruka ukayangane, k*k' umuco wawe ush*tse, kand' ubgiza bg'Uhoraho bukaba bukurasiye. K*ko raba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w'umuzitanya uzotwikira amahanga: arik' Uhoraho azokurasira, kand' ubgiza bgiwe buzokubonekako. Amahanga azoza ku muco wawe, n'abami bazoza ku gukayangana kwawe.
Yesaya 60:1-3
Hugues ITEKA
Évangélisation
Nuko rer' umuntu wese iy' ari muri Kristo, aba ar' icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo, ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n'abari mw isi, ntiyabaharurakw ibicumuro vyabo, kandi yatubikije ijambo ry'umwuzuzo.
2 Ab'i Korinto 5:17-19
K*k' urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w'ikinege, ng' umwizera wese ntaz' apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. K*kw Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we. Umwizeye ntazotsindwa n'urubanza, arik' utamwizeye aramaze gutsindwa, k*kw atizeye izina ry'Umwana w'Imana w'ikinege. Uku ni kwo gutsindwa, k*k' umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, k*kw ibikorwa vyabo ari bibi.
Yohana 3:16-19
Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand' igikorwa cose musi y'ijuru gifise akanya kaco: har' igihe co kuvuka n'igihe co gupfa; igihe co gutera n'igihe co kurandura ivyatewe; igihe co kwica n'igihe co gukiza; igihe co gusambura n'igihe co kwubaka
Umusiguzi 3:1-3
Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c'ubgatsi butotahaye: Andongorera i ruhande y'amazi adasuma: Aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg' izina ryiwe. Untegurira ameza mu maso y'abansi banje; Wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye. N'ukuri ivyiza n'imbabazi bizonyomako imisi yose y'ukubaho kwanje, Nanje nzoba mu ngoro y'Uhoraho ibihe vyose.
Zaburi 23:1-3, 5-6
Yesu n'inzira n'ukuri n'ubugingo
Yohana 14 1-3
1 Ntimuhagarike Imitima Yanyu,Mwizere Imana,Nanje Munyizere.
2 I muhira kwa Data har'amazu menshi,Iy'aba atariho,mba ndabibabwiye,k*ko ngiye kubategurira ahanyu.
3 kandi ko ngiye kubategurira ahanyu,nzogaruka kubajana i wanje,ngw aho ndi namwe abe ari ho muba .
Click here to claim your Sponsored Listing.
Location
Category
Website
Address
Kanyosha