๐•ฟ๐–๐–Š ๐•พ๐–”๐–›๐–Š๐–—๐–Š๐–Ž๐–Œ๐–“ ๐•ฎ๐–”๐–‰๐–Š๐–

๐•ฟ๐–๐–Š ๐•พ๐–”๐–›๐–Š๐–—๐–Š๐–Ž๐–Œ๐–“ ๐•ฎ๐–”๐–‰๐–Š๐–

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from ๐•ฟ๐–๐–Š ๐•พ๐–”๐–›๐–Š๐–—๐–Š๐–Ž๐–Œ๐–“ ๐•ฎ๐–”๐–‰๐–Š๐–, Educational Research Center, Gitega.

01/06/2025

IVY'ISI VYOSE NI IBIHENDAMASO

Iciyumviro c'uko '' ivy'isi ari ibihendamaso" carasamiranye mu matwi y'abantu kuva imyaka ibihumbi n'iyirenga, kuva kuba philosophes ba kera ugash*tsa kuba physiciens b'uyu munsi wa none. Iki ciyumviro si vyabintu umuntu avuga gusa n'umunwa - ariko ni ukuri kwimbitse gushingirwa intahe na science ya none( Neuroscience & Physique quantique), hamwe n'imico nyobokamana na njamwuka( traditions religieuses et spirituelles). Uku gutahura, iyo umuntu akuzirikanye, ntibuhindura gusa uburyo tubonamwo ubuzima ahubwo n'uburyo dufatanya m'ukuburema birahinduka.

NONE SCIENCE YA NONE IBIVUGAKO IKI?

๐Ÿง Neuroscience

Ivyo tubona nk'ubuzima bwacu canke '' reality"( bigizwe n'abantu, ibintu, situations, circonstances, รฉvรฉnements) ntakindi birico atari ivyasanasanwe n'ubwonko bwacu, ntitubona directement ibihari. Zirikana ibi :

- Ubwonko bwawe bwakira ama signaux รฉlectriques avuye mubihimba bihagarariye sens zawe( amaso, amatwi, amazuru, ururimi, umubiri ), nabwo bugaca bukora interprรฉtation, bugahindura izo signaux mumashusho, amajwi, goรปts n'izindi sensations. Ubwonko bwawe ntibukwereka ukuri, oya bwo busobanura izo signaux รฉlectriques muvyo bwibaza ko bihari. Akarorero urashobora guhura n'umuntu mwibarabara ukamwitiranya. Bamwe bakora utugenegene( magiciens) barashobora kukwizeza ikintu kidahari wewe ukibaza ko gihari. Perception(uburyo tubonamwo ibintu) si nka kurya kwa photographie, oya ubwoko bwawe nibwo bwubaka ivyo ubona iyo uravye ikintu kanaka, bushingiye kuvyo bwibaza ko arivyo n'ivyo witeze. Ni nka kurya ushobora kwibaza ko umugozi ubonye hasi ari inzoka kandi ukagira ubwoba vyanyavyo.

-Ivyo tubona biri munsi ya 1% y'ibiba bihari, twumva agace k'amajwi gato kandi amazuru n'ururimi rwacu ntivyakira ama produits chimiques yose ngo tuyumve nk'akamoto canke goรปts.
Umuco uboneshwa amaso userukira 0,005% vya spectre รฉlectromagnรฉtique. Imishwarara X(Rayons x), Za ultraviolet, za infrarouges, za micro-ondes,...ntizigaragara atabikoresho.

-Ubwonko burayungurura amakuru ava muri environnement, bugafuta vy'inguvu 99% imbere y'uko bishikira ubwenge bwamuntu bwacu.

Aya makuru abanza guca muri procedure ndende yo kuyungururwa no gupfindurwa hisunzwe ivyo twiteze, ivyo twabonye muri kahise imbere y'uko ubibamwo (expรฉrience). Muri make, ivyo wita '' rรฉalitรฉ'' ni ibifondano vy'ubwonko bwawe- si ifoto nyakuri y'isi.

Aba hindu bita isi ''Maya'' bisigura "ILLUSION'' canke IBIHENDAMASO.
Aba bouddhiste bakayita '' Samsara''.
Umugwi wa Islam w'aba Soufi ukayita '' Icirore'', kandi ivyo babimenye imyaka ibihumbi imbere ya science ya none.

๐Ÿงฌ Physique Quantique

Mwo indani, kuri level iri munsi ya atome, matiรจre canke ibifadika vyose, birahangara bikajugumiza uburyo tudahuramwo rรฉalitรฉ.

Umu physician umwe yitwa Sir James Jeans niwe yagize ati: " Isanzure(Univers) rimeze nk'iciyumviro gikuru/kinini/gikomeye kuruta uko ryosa n'imashini''.

- Matiรจre ni ikirundo ca particules( intete) ariko izi particules si utuntu tugumye ni รฉnergie pure.
- Expรฉrience ya ''Double-Fente" yerekana ko inyishu y'iyo expรฉrience ihinduka bivanye n'uwuriko arayikurikirana.

- Iyindi ni Quantum entanglement, iyi nayo yerekana ko ibintu vyose ari ikintu kimwe, binywana. Ibi bitwereka ko burya rรฉalitรฉ imeze nk'ikiyaga ca รฉnergie Ivibra buri kanya.

๐Ÿชฌ PHILOSOPHIE

Uku gutahura si ukwiyadukije ubu.

- Platon, umugiriki, yaciye umugani wa Cave aho avuga ukuntu abantu babona ibitutu vy'ukuri.

-Aba bouddhiste bemera ko uburyo bwemewe na benshi bwo kubona mmwo reality ari ukwihenda.

-Aba Hermetic bo mumisiri, banditse mugitabo Kybalion( ari naco tuzokwifashisha mukwiga ubu bumenyi), ko '' Isanzure riri Muvyiyumviro"(The universe is mental).

๐Ÿ›ก๏ธMuragabe, kwita reality "ibihendamaso" ntibisigura ko itabaho, ahubwo ko atari ico igaragara kuba. Ijambo " illusion" rikomoka muki latini "illudere"- gukinisha. Reality rero ni :

1. Ibigereranyo si ifoto iri direct
2. Energie si ibigumye bifadika
3.Ni nk'ibumba wohinduramwo uko ushaka, ari navyo tuzogenda twiga gahoro gahoro.

Gutahura ibi bintu bikwereka ukuntu Imyizere yawe, ivyo witeze hamwe na attention yawe arivyo bigena ivyo ubona na interprรฉtation ubiha. Ibi umaze kubibona biguha ubushobozi bwo guhindura amarekezo y'ubuzima bwawe uko ubishaka. Gute neza na neza? Ni aba pastor benshi nzi babizi ariko ntavyo bazigera bakwigisha, ibihangange nka Elon Musk n'abandi barabikoresha,...nico gihe ngo nawe ubimenye maze ucike Imana m'ubuzima bwawe( yes ndazi wumva ndogose gusa tekana, ndazi ivyo mvuga). Naho ubutaha rero twinjira m'umutima w'ibintu ndaguha na exercise ukora ngo uvyigeragereze.
.

12/05/2025

UMUREMYI/IMANA NI VYOSE BIRIHO. NI INYANJA Y'UMUCO ITAGIRA ITANGURIRO CANKE IHEREZO- NTA VYANWA, NTA NTEBE Y'UBWAMI, NTA MATEGEKO- JUSTE ร‰NERGIE, URUFATIRO INKOMOKO NA KAMERE NYAKURI YA VYOSE. KUVA KURI ATOME, WEWE, INYENYERI CANKE GALAXIE UGASH*TSA KURI BURI NDOTO WIGEZE CANKE UZOKWIGERA UGIRA. VYOSE BIGIZWE NAYO BIKONGERA BIKABA MURI YO, NA YO IKABA VYOSE.
"IMANA NI VYOSE, IRI HOSE". IMANA ni " CONSCIOUSNESS"-* (ni ryo jambo tuzoguma dukoresha kugirango twirinde kuvuga vyinshi ariko niryo jambo bigwanamwo neza n'iciyumviro nshaka gusohora)*.-
Rero CONSCIOUSNESS niyo ihari gusa.

Ibi nkubwira hano si "vyabintu vy'abapastor/patiri/cheikh bidatahuritse bama bavuga", Oya ahubwo iri niryo SHINGIRO rya buri kubaho(existence) kwose; si ibintu biri "flou" ni physique quantique. Vyose-, uhereye ku ntebe wicayeko gush*tsa ku nzozi z'ubusazi waraye urose, bikozwe mu kintu KIMWE. CONSCIOUSNESS. Isanzure( Universe) si umuganda w'ibintu bidafitaniye isano, ni umurima wunze, ufatanye wa consciousness yigaragaza mumero zigiye zitandukanye.

Iyo witegereza inyenyeri, ni Consciousness iriko iriraba yo ubwayo. Ibintu VYOSE ubona, abantu Bose muhura ni Wewe muyindi mero, m'ubundi buzima butandukanye. Vyose ni Consciousness yimenya muri expรฉriences zitandukanye. Nta mucamanza ahari hanze yawe. Nta muremyi atandukanye nawe canke ari hanze yawe. Juste IMANA-Consciousness yimenya muri expรฉriences zitagira igitigiri Kandi VYOSE icarimwe.

Ok. Nkubu ushobora kuba uriko urasoma ibi wiyumvira ngo " ah! Ubundi bumenyi bw'umwuka bugarukira kumajambo gusa ntibugire ico buhindura m'ubuzima bwanje". KANGUKA! IYI SI PHILOSOPHIE-, NI CODE WOKORESHA UHACKINGA UBUZIMA. Ngiki ikintu badashaka ko umenya: VYOSE URABIFISE MURI WEWE.

Systรจmes ziyoboye iyi si yacu- education, religion, gouvernements n'itangazamakuru- VYOSE bibeshejweho n'ikintu KIMWE: UKUTAMENYA KWA WE. Ukimenya ko ubuzima bwawe bwa misi yose buremwa na consciousness, uburozi buba buheze.

Abantu benshi bamara ubuzima bwabo bahangana n'ivyo babona NK *ibibabako*bivuye hanze yabo, bagapfa batamenye ko burya VYOSE bikomoka muri bo. Reka tuvuge ko bakoresha programme za kera bashizwemwo n'ikibano bakuriyemwo(abavyeyi, ishure, inyigisho z'idini ryabo,...). Uku kuntu bibona bo ubwabo na environnement babayemwo nivyo birema expรฉrience Y'UBUZIMA bagira.(Uku kwimenya we ubwawe na environnement, tuzoguma tuvyita AWARENESS). Ariko Wewe watsitaye kuri cheat code...

URI IMANA-CONSCIOUSNESS YIGARAGAJE MU MERO Y'UMUNTU. Uyu si umugani Kandi si imvugo ngereranyo. Bifate uku nyene ndabikubwiye. VYANYAVYO. IMANA-CONSCIOUSNESS NIBA ARI OCEAN , WEWE URI UMUKUBA. URI HANO NGO WIYAMBIRE IBIHENDA MASO MAZE WAMBARE KAMERE YAWE NYAKURI.

Want your school to be the top-listed School/college in Gitega?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Culinary Team

Attire

Website

Address

Gitega