The supers swagg

The supers swagg

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from The supers swagg, Education, Cibitoke.

13/10/2022

Murarangije gutora
Muratoreye Uburundi
Abanyu bazobuyobora
Murahejeje gushinga
Ingingo ishorera Uburundi ibuteza imbere
Ivyo vyose mwabigiranye ubwitonzi, amahoro n'iteka ryinshi.

Iyo abantu bahigiye kukintu hama nta naryo uwutsinda n'uwutsindwa
No muvya politique n'uko nyene, uyu munsi Uprona yatsinze itsinda kuko mwabishatse, mbere igiye gushinga Leta y'Uburundi.

Ariko rero muri iryo tora, uwatsinze n'uwatsinzwe n'Abarundi basa, basangiye intara bakagira umwami umwe,naho nyene badasangiye umugambwe Uburundi burabakeneye bose.

Nico gituma ncuti zanje, intsinzi y'uyu munsi, atari intsinzi y'umugambwe,
Uyu munsi hatsinze amahoro, hatsinze iteka n'itekane ry'Uburundi, kuko nyene ahatagira ubukuru nyabwo hatagira iteka ntihagire n'itekane.
Ahatagira ubukuru nyabwo, ntihaboneka amajambere.

Igitsinze uyu munsi kandi, ni démocratie y'ukuri, démocratie nkuko Abarundi bayumva kandi bayipfuza, namwe muraziko ico Abarundi bipfuza ari ubutungane bw'ukuri.

Ubu rero ubutigu burageze, bw'ukwihweza ibibazo vyerekeye Uburundi, ivyo bibazo murabizi namwe:

✓✓ Hari ukongereza itunga ry'igihugu
✓✓ Hari ibiraba amatongo yanyu
✓✓ Hari ibiraba uguteza imbere abatobato n'abakene
✓✓ Hari ivyerekeye amashure n'ibindi

Tuzogerageza kwitaho ivyo bibazo vyose nk'uko bibereye.

Ico nipfuza cane cane n'uko umuntu wese aba muri ubu Burundi yogira ati :" ASHIIIII."
Maze umutima ugasubira munda.Nshakako atanumwe yogirirwa nabi, nshaka ko Leta yoba umuvyeyi ahumuriza bose akabakingira.

Nico gituma Leta tugiye gushinga, itazokwigera igirira imbabazi umuntu azorondera gutera umugumuko mu ntara, ndasagasagiye cane incuti n'abagenzi ba Uprona ngo berekane ko twatsinze tubibereye.

Namwe abadasigana mwese mwakoreye umugambwe, nimugwirize incuti umugambwe wacu, nimugwane mu nda nabo mwahora muhiganwa, ntimwishime, ntimushirisoni.

Abategeka umugambwe w'abadasigana bazokwereka abari muri wo k'uyo mugambwe urondera urupfasoni, n'umubano mwiza.Nta na rimwe bazokwemera ko haboneka ishirasoni zityoza iteka ry'uburundi mu bikorwa no mu majambo.

Ivyo kugwanira gutsinda mw'itora birarangiye, hasigaye ineza ya bose.Ni dushishikare rero tuyirondere.Umudasigana rero azoramuka ahagaritse umutima abantu bakavantara bari mu BURUNDI, cabure abo bidasangiye umugambwe azoba agiriye nabi cane Uburundi kandi n'uguhanwa azohanwa bimwe bishimitse.

Nayo imihimbiri, ibisuma n'abambuzi nibamenyeko nibafatwa bazohanwa nyaguhanwa.

Uburundi nibwo buhejeje kwitorera none wumva twokubahuka kubuhemukira mugukoresha iteka bwaduteye mukwihora cabure mukwishima???

Ubukuru twahawe, tubwirizwa kubukoresha muguhumuriza Abarundi bose mukugwiza urukundo n'amahoro mugihugu cacu.

Abakuru mu mugambwe w'abadasigana, barakwiye mbere gusumba abandi gutanga akarorero k'ugutekanya iki gihugu n'ukukigwizamwo umubano mwiza.

Murazi ico twamye tugwanira, twamye tugwanira guteza imbere igihugu cacu, nico gituma umugambwe w'abadasigana utazokwigera wemera uwurondera kuwutesha iryo teka.

Niko umugambwe wanje uratsinze, ariko nta ntsinzi ndemera ntabonyeko Uburundi bwose buri mu mahoro n'amajambere y'ukuri.

Turakengurukiye abo bose bashaka kudufasha gukorera Uburundi bwacu, ico twemereye igihugu ntituzoruhuka tutakigishikirije.

Ndashimiye cane Ububiligi bwatureze, turazi neza ko umuzigo bwahora bwikoreye mugutwara iki gihugu bugiye kuwutereka ku mutwe wacu, turazi ico twemeye kandi tuzogikora.Babirigi mwatureze nimudufashe muvyo duteyemwo ntimutwibagire mubukene bwacu maze mudufashe twigumye duteze imbere Uburundi bwacu nk'uko bibereye.

Tugiye kwishira twizane kuko twakuze ariko rero tuzokwama twigana abatureze muvyerekeye ukubaha no gukundana muzoba muvyibonera ni mwabishima duhimbarwe.

Ndaboneyeho mbere gukengurukira bwana Umukuru w'intumwa za ONU mu Rwanda n'Uburundi hariho n'abagenzi babo kuvyiza batugiriye muri aya mezi ahitiye twitegurira ibintu vy'itora.

Imana n'idufashe ituje imbere maze Umwami wacu Sebarundi arambe ahangame ku ngoma.

Uburundi ntibwigeze burwa mw'isanganya.

Prince Louis Rwagasore

16/06/2022

Akajagari kose murimwo mutazi impamvu mukarimwo Catholic!
———— BESHI BABAZA NGO GUSHIRA UMUSARABA KUMVA YUWAPFUYE BISIGURA IKI?
Iyi nimihango idini rya Catholic ryazanye’ ubwambere bataratangura ivyo imisaraba bashirako urufi’ iyo bavuze urufi vyasigura Jesus Christ, God’s Son, Savior. Munyuma baca barabihindura bashirako umusaraba nkikirango co kumenyana abapfuye bemera Imana kandi bakabishirako ngo nabapfuye badahariwe ivyaha umusaraba wa kiristo bashizeko ngo uzumweze ivyaha vyiwe

Mubwongereza hoho Catholic bahora bafise umuryi wivyaha’nukuvuga ngo umuntu apfuye atizera Baca bahamagara umuryi wivyaha akazana isahani nikiyiko akabishira kumuvyimba wuwapfuye akarya ubusa vyavyaha vyuwapfuye bigaca bija kuwubiriye uwapfuye akaba ahariwe 🤣🤣 HINGE BABANDI BAHADUKE NGO NDABESHE 😂😂

Papa wambere wa Catholic nawe ariwe yazanye ubukoroni abinyujije muri Congo akavuga ko abanyafirika batazokwemera Inyigisho zabo arukwicwa wewe yarafise itike agurisha ukagurira itike uwapfuye kugirango aharigwe’ uguze tike izimvye uwapfuye yaharigwa cane ‘🤣🤣 nubu muri Catholic barakubwirako usabira uwapfuye agaharigwa 🤣🤣

Dusubiye kuco imisaraba rero bamaze kubigira imigenzo isi yaciye ivyakira itazi nico bisigura! Ubu umuntu wese apfuye beshi baremekako imisaraba wababaza uti nivyiki bakubwira ngo we PFA KUNUMA GUSA!

So murivyishi dukora Nibihimbano! ICO JEWE NANKA NDANKA GUPFA GUKORA IKINTU NTAFITIYE IBISOBANURO NGO NUKO BANAKA NA BANAKA BAGIKOZE NABO!!

Photos from The supers swagg's post 16/03/2022
10/10/2021
Want your school to be the top-listed School/college in Cibitoke?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Website

Address

Cibitoke