07/09/2017
INKONI UZOKWITWAZA MUBUSAZA UYICA UKIRI UMUSORE : Barundi,Barundikazi namwe mwese Ncuti z'uburundi turongeye kubaramutsa tubipfuriza amahoro,umwumvikano n'iterambere mu gihugu cacu ,imisi itari mike irarangiye havugwa vyinshi kugihugu c'uburundi bamwe na bandi bakibaza impamvu ivyo vyose biriko biba ariko ntihaboneke umuntu n'umwe yohagara magabo kugira agire ico akora kugira birangire ye mama ngo ikibazo ngo na bahutu abandi ngo na batutsi none se abatwa bo gute?nkuko twagiye twumenye aho duhagaze nkabari mw'Ishirahamwe(AJVD)ntiturota dushigikira uwo wese atipfuriza uburundi n'abarundi amahoro niyo mpamvu tudahengeshanya kwibutsa urwaruka rwose dusanzwe dufashanya ibikorwa vyo kubaka igihugu nabandi bose bavyipfuza ko nubu tukibandanya guhangana n'umwansi w'abarundi kuko nitwe Burundi bw'ejo mugihe rero twosamara ibiriko biba mu Burundi tukabifata nkabatabibona mugihe kigiye kuza twozohava twicuza ati:iyo menya nkagira ico ntereye.Ishirahamwe AJVD rikabamenyeshako ribifashizwemwo n'abarundi batari bake baba abari mugihugu baba abari mumahanga baba abari muma kambi y'impunzi ko ibikorwa twiyemeje vyo guharanira amahoro mugihugu cacu vyabandanije Ubu bikaba bigeze kurugero rushimishije mbe tukabibutsako nabandi bose bavyipfuza ko ivyiyumviro vyanyu nigira kamaro mukubaka igihugu vyogeye nawe urashoboye kuko vyose ntababivukanye niyo mpamvu ntahengeshanya kubwira urwaruka rwose rw'abarundi ko:Ico uzoba ejo ukirondera uyumusi,muve hasi rero dukore,twitange,twitangire igihugu aha nobamenyeshako nkabari mw'ishirahamwe AJVD twiteguye gufasha ibishoboka vyose dufashanyije nabandi kugira uburundi busubirane iteka bwamanye.MURAKOZE KANDI MUHAWE IKAZE CABA IKIBAZO CANKE ICIYUMVIRO KIRAKIRWA ARIKO MURUPFASONI NKUKO ARIVYO VYANYE BIRANGA ABARUNDI(EMAIL:bucibarutisodora .com)
Gmail is email that's intuitive, efficient, and useful. 15 GB of storage, less spam, and mobile access.