02/11/2022
Elisa akiza Namani imibembe
2ABAMI5:1-
Elisa Akiza Namani Imibembe
1 a Namani, umugabisha w'ingabo z'umwami w'i Siriya, yar' atonnye kuri shebuja, kandi yar' umunyacubahiro, k*kw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar' umuhizi w'inkomezi, ariko yar' umunyamibembe. 2 b Kand' Abasiriya bari baragiye kunyaga ar' ibitero; mur' ukwo kunyaga banyaga umwigeme mutoya mu gihugu c'Abisirayeli; araheza acorekera muka Namani. 3 Bukeye abarira inabuja, at' Icompa databuja akaja k'uvugishwa n'Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe. 4 Nuko Namani aja kubarira shebuja, at' Umwigeme yavuye mu gihugu c'Abisirayeli yavuze artya n'artya. 5 c Nuk' umwami w'i Siriya aramubarira, ati Shirak' ugende, nanje ndandikira umwami w'Abisirayeli icete. Nukw aragenda, ajana amafeza italanto cumi n'amazahabu shekeli ibihumbi bitandatu n'imyambaro cumi yo gukuranya. 6 Nukw ashira umwami w'Abisirayeli ico cete, cavuga, ngw Ico cete ni cagushikira, urabona ko nkurungikiye umusavyi wanje Namani ng'umukize imibembe. 7 d Maz' umwami w'Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd' Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k'uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe raba ingen' anyigenzako, muheze muvyiyumvire!
8 e Maze Elisa wa muntu w'Imana yumvise k'umwami w'Abisirayeli yitantamuriyekw impuzu ziwe, amutumako, uti N'iki gitumye witantamurirakw impuzu zawe? N'aze i wanje, aramenya yuko mu Bisirayeli harih' uvugishwa n'Imana. 9 Nuko Namani araza, azana n'amafarasi yiwe n'imikogote yiwe, ahagarara ku muryango w'inzu ya Elisa. 10 f Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse. 11 Ariko Namani aca araraka, arivumbura, ati Nahoze ngira ngw arasohoka ahagarare, atakambire izina ry'Uhoraho Imana yiwe, azungagize ukuboko hejuru y'aho ndwaye, ankize imibembe. 12 Mbeg' inzuzi z'i Damasiko, Abana na Farupari, ntiziruta amazi yose y'i Bgisirayeli? Sinoshobora kuziyuhagiramwo ngahumanuka? Nukw arahindukira, agenda aratse. 13 Abantu biwe baramwegera, baramubarira, bati Mbega mutungwa, iyaba uyo muvugishwa n'Imana akurangiye ikintu kigoye, ntiwari kugikora? Nkanswe k*kubarira, ngw Iyuhagire uhumanuke? 14 g Nukw aramanuka, yibira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk'uk' uwo muntu w'Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk'uw' umwana mutoya, arahumanuka.
15 h Hanyuma agarukana n'abantu biwe bose kur' uwo muntu w'Imana, araza ahagarara imbere yiwe, aramubarira, ati Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli; enda rero ni wabire ingemu nguhaye jewe umusavyi wawe. 16 i Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw'Uhoraho, uwo nsavye, nta kintu na kimwe nshobora kwabira. Aramugobera ngw avyabire, arikw aranka. 17 j Maze Namani aramubarira, ati K'utavyemeye, ndasavye ni bampe ivu ryotwarwa n'inyumbu zibiri, k*k' uhereye none ata kimazi nzokwosereza izindi mana canke ngo ndazihe ikindi kimazi ic' ari co cose, atar' Uhoraho wenyene. 18 k Arik' Uhoraho az' ampangaze jewe umusavyi wawe kur' iki kimwe: databuja iyo yinjiye mu ngoro ya Rimoni kuyisenga, ari jewe ndamushigikiye, maze nkunama mur' iyo ngoro ya Rimoni; iyo nunamye mur' iyo ngoro, Uhoraho az' ampangaze kur' ico kintu, jewe umusavyi wawe. 19 Elisa aramubarira, ati Genda amahoro.
Ariko Namani avuyeyo, agenze akarere gatoya, 20 l Gehazi, umusuku w'uwo muntu w'Imana Elisa, arivuganya, ati Databuja ko yahebeye Namani uwo Musiriya, ntiyabire ivyo amugemuye, ndahiye uguhoraho kw'Uhoraho, singenda ntirutse ngo ndamuhamvye, ngire ico ndamwiyakira. 21 Nuko Gehazi akurikira Namani. Maze Namani abonye umukurikiye yiruka, arururuka ava mu mukogote wiwe ngo bahure. Aramubaza, ati N'amahoro? 22 m Na we ati N'amahoro; ati Databuja arantumye, ng' Ubu nyene agendewe n'abahungu babiri bo mu b**a ivyo kuvugishwa, baturutse mu mugamba w'Abefurayimu; ngo None mutabare, ubamuhere italanto y'ifeza n'imyambaro ibiri yo gukuranya. 23 Nuko Namani aramwishura, at' Enda n'utware italanto zibiri. Nukw aramugobera, amutekerera italanto zibiri z'amafeza mu masaho abiri hamwe n'imyambaro ibiri yo gukuranya, abikorera abantu biwe babiri, baja imbere ya Gehazi bavyikoreye. 24 Babishikanye ku musozi w'i wabo, arabibaka, araheza abijana mu nzu arabibika, arungika abo bantu, baragenda. 25 Maz' araza, yinjira aho shebuja ari. Elisa aramubaza, at' Uvuye hehe ga Gehazi? Uwundi at' Eka nta ho nagiye. 26 Aramubarira, ati Mbeg' ugira ng' umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhure? Mbeg' iki n'igihe co kwakira amahera n'imyambaro, n'imirima y'imyelayo n'iy' imizabibu, n'intama n'inka, n'abagurano n'abaguranokazi? 27 o None rer' imibembe ya Namani izokwomako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi n.