11/08/2022
Umurundi ahejeje kuba uwa mbere i Monaco aniruka umwanya wa mbere mwiza ku rwego rw'igihugu n'uw'iryo higanwa kuva ribaho ku metero 3000.
🏃 Hari muri "meeting" ya Wanda Diamond League iriko ibera i Monaco. THIERRY NDIKUMWENAYO akaba yirutse imetero 3 000 mu minota 7 amasegonda 25 n'ivy'ijana 93.
🥇Uwo mwanya ukaba ari uwa mbere kuri ico kirere mu Burundi (record national) ukaba ari na wo wa mbere mwiza kw'isi muri uno mwaka turimwo (World Lead).
⏪ Twaheruka kubasangiza ikiganiro twasangiye na Thierry Ndikumwenayo hano : https://bit.ly/3PaATad.
💭 Yatwiganiye ko indoto yiwe ari kuronka imidari myinshi ishoboka no gutuma ibendera ry'igihugu rihungabana mu makungu 🇧🇮👏🏼
30/06/2022
"Ku mafaranga 80 000 gusa, ndakoresha "gaz" amezi 2 arenga".
👉🏾 N'ubwo bisaba uburyo butari buto kugira umuntu ashobore gutekesha umwuka wa "gaz", ubwo nabwo bushobora gutwara amafaranga agera ku 500 0000 y'amarundi (twarabivuzeko aha : https://bit.ly/3Afzw6f ), hari abashoboye gutangura kubukoresha mu ngo zabo 😇
👵🏾 Victoire*, umukenyezi wo mu gisagara ca Bujumbura ari mu bahisemwo gukoresha ubwo buryo. Aratuyagira : "Igihe natanguye gukoresha "gaz", nabona ko nkoresha amafaranga atari make cane. Naguze iy'80 000. Nayikoresheje amezi abiri arenga."
👉🏾 Uwo mukenyezi akaba avuga ko "gaz" imufasha cane mu buzima bwiwe. Avuga ati : "Turetse y'uko ubu "gaz" izimbutse, iranamfasha mu buzima. Ivyo utetse biranyaruka gusha, kandi uteka igihe cose ushatse. Wikanguye nko mu masaha ya n'ijoro, urashobora guteka ugafungura mu mwanya muto. Ariko ku muntu atekesha amakara, arinda gucana imbabura. Ikindi naco, "gaz" iri n'isuku. Nta myotsi icafuza inzu isohora nk'iyo utekesha amakara".
👤 Nadine*, uwundi mukenyezi asanzwe nawe nyene akoresha "gaz" mu rugo rwiwe ati : "Jewe ndashobora gukoresha amafaranga 48 000 mu mezi abiri hafi". Avuga ko icatumye ahitamwo "gaz" ni uko "amakara asigaye azimvye, bimufasha kwitekera iyo ata mukozi afise".
📊 Mu gihe igiciro c'amakara kibandanya kiduga, (umwanditsi wa Yaga yaravyanditse aha : https://www.yaga-burundi.com/2021/flambee-prix-charbon-bois/), aho umupfuko wagurwa wagurwa 28 000 mu 2013, mu 2020 ukaba wari ugeze ku 40 000, ubwo gukoresha "gaz" si vyo vyari bikwiriye ?
10/05/2022
🤨 Ni kubera iki umuvuduko wa interineti wa Lumitel Burundi umaze imisi witonda ? Iryo shirahamwe ryatwishuye kuri ico kibazo 👇🏽
Haraheze iminsi abakoresha umuhora wa Lumitel bidoga ko “bataronka umuvuduko wa interineti uko bawushaka”. Ahanini bikaba vyibonekeza mu makaritiye yo ku nkengera za Mairie de Bujumbura.
👤 Umwe mu banyagihugu baba muri karitiye ya Kajaga agira ati : “Nsanzwe ndangurira imirimo yanje mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo nkora bisaba ko nguma nfise interineti umwanya wose kuko nkorera ku mbuga ngurukanabumenyi. Ariko iyo ntashe, mpfa kurenga ku ruzi Mutimbuzi, "connexion" sinsubira kuronka namba. Aho rero akazi kanje kaba gasa nk’agahagaze”.
🤬 Salvator nawe yidogera umuhora wa Lumitel y’uko “amaze imisi agura agaseke ka interineti ko ku musi, ariko kagahera ataco akoze kubera "connexion" itameze neza”.
👉🏾 Kuri izo ngorane zijanye na "connexion", muri Lumitel bavuga ko "ico kibazo bakizi ariko bariko bagerageza kugitorera inyishu".
☎️ Umwe mu bajejwe ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru avuga ko “ingorane ijanye no kubura "connexion" yari yatumwe n’uko ivyuma bitanga umuhora (antennes de relai) dusanzwe dukoresha bikoresha ahanini igitoro co mu bwoko bwa "mazout". Ikena ry’igitoro ryatuma ayo ma "antennes" azima ahatari hake, aho naho n’umuvuduko wa interineti uca ugabanuka canke ukabura” ❌
📲 Ku kijanye n’abavuga ko uduseke twabo duhera batadukoresheje, asaba ko "boza barahamagara ku mirongo izwi ya Lumitel kugira barabe ingorane bafise".
Mbega namwe ico kibazo kiramaze kubashikira ? 🤔
Ishusho : Ikiriho